Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 8:49 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

49 Akiriko aravuga, haca haza umuntu avuye kwa Yayiro, wa mukuru w’isinagogi, abwira Yayiro ati: “Umukobwa wawe yamaze gucikana. Nta co ubandanya ugora umwigisha.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

49 Akivuga, haza umuntu avuye kwa wa mukuru w’isinagogi, ati Wa mwana wawe aracikanye, ureke kugora umwigisha.

Gade chapit la Kopi




Luka 8:49
9 Referans Kwoze  

Yesu aca ajana na bo. Ari hafi yo gushika, wa musoda aca arungika abagenzi biwe ngo baje kumubwira bati: “Mwami, ntiwirirwe urigora, kuko ntibimbereye kukwakira mu nzu yanje.


Maze uwo mugenzi wiwe akamwishura ari mu nzu ati: ‘Nta co ungora, namaze kwugara umuryango kandi twe n’abana banje twamaze kuryama. Sinshobora rero kuvyurwa no kuguha imikate.’


Akiriko aravuga ivyo, haza umukuru w’isinagogi apfukama imbere yiwe amubwira ati: “Umwana wanje w’umukobwa ahejeje gupfa, ariko woza ukamurambikako ibiganza, yosubira akaba muzima.”


Yesu amenye ivyo bariko baravuga, aca ababwira ati: “Mbega uwu mugore mumugorera iki? Ankoreye ikintu ciza.


Maze haza umwe mu bakuru b’isinagogi, yitwa Yayiro. Abonye Yesu, apfukama imbere yiwe,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite