Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 8:47 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

47 Wa mugore abonye atagishoboye kwinyegeza, aca aza ajugumira, yikubita imbere y’ibirenge vya Yesu, aca amubwirira imbere ya bose icatumye amukorako, kandi ko yaciye akira ako kanya nyene.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

47 Wa mugore abonye yukw atayoberanye, aza ahinda agashitsi, amwikubita imbere, amubgirira mu maso y’abantu bose icatumye amukorako, n’ukw akize uwo mwanya.

Gade chapit la Kopi




Luka 8:47
18 Referans Kwoze  

Wa mugore, kuko yari azi ivyamubayeko, aza ajugumira kubera ubwoba, apfukama imbere y’ibirenge vya Yesu, amubwira ukuri kwose.


Kandi iyo yibutse ingene mwese mwamwumvira n’ukuntu mwamwakiranye igitinyiro n’icubahiro cinshi, umutima wiwe urushirizaho kubagirira igishika.


Ko twakira Ubwami budashobora kunyiganyizwa, muze dushimire Imana kandi tuyisenge mu buryo buyihimbara tuyitinya kandi tuyubashe.


Naje iwanyu ndi umunyantege nke, mfise ubwoba, kandi mpinda agashitsi.


Wa murinzi w’ibohero aca atumako urumuri, yiruka mu cumba Pawulo na Silasi barimwo, yikubita imbere y’ibirenge vyabo.


Bakunzi banje, nk’uko mwamye mugamburuka igihe cose nari kumwe namwe, n’ubu ntari kumwe namwe, mukwiye kurushirizaho. Mukorane umwete ibikorwa bigaragaza agakiza kanyu, mwubaha Imana, muhinda agashitsi imbere yayo,


Abo bagore baca bava ku mva, bagenda bihuta. Bari bafise ubwoba ariko kandi bafise n’akanyamuneza kenshi. Nuko bariruka baja kubwira abigishwa biwe iyo nkuru.


Yesu aravuga ati: “Hari umuntu yankozeko kuko hari ubushobozi numvise bumvuyemwo.”


Yesu aramubwira ati: “Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije. Igire amahoro.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite