Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 8:43 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

43 Hariho umugore yari amaze imyaka cumi n’ibiri agwaye ingwara yo mu gitereko yo kuva amaraso, vyaranse ko akira.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

43 Umugore arwaye ubutinyanka, yar’ abimaranye imyaka cumi n’ibiri, yamariye utwiwe twose ku bavūzi adutangamw’ ingemu, ntihāgira ūshobora kumukiza,

Gade chapit la Kopi




Luka 8:43
22 Referans Kwoze  

Mbega uwu mugore akaba n’umukobwa wa Aburahamu yari amaze imyaka cumi n’umunani aboshwe na Satani, ntiyari akwiye kubohorwa, naho ari ku musi w’Isabato?”


Yesu ariko ararengana, abona umuntu yavutse ari impumyi.


Aho hari umugore yari amaze imyaka cumi n’umunani amugajwe n’impwemu mbi. Yari yarahetamye umugongo, ntiyashobora kugororoka.


Yesu atambukiye ku nkengera y’ikiyaga, asanganirwa n’umugabo yarimwo abadayimoni, aje ava mu gisagara citwa Gerasa. Yari amaze igihe kirekire atambara impuzu canke ngo abe mu nzu; yaba mw’itongo ry’abapfuye.


Uwo muntu yari yakize mu buryo bw’igitangaza yari afise imyaka irenga mirongo ine.


Hari umuntu yaremaye kuva akivuka yama azanwa imisi yose kw’irembo ryitwa Irembo Ryiza kugira ngo asege abaje mu rusengero.


Ariko ntituzi uko vyagenze ngo ahumuke kandi ntituzi uwamukijije. Nimumwibarize arakuze, arashobora kwivugira.”


Ishobora kumufatira aho ari ho hose, ikamutura hasi, akabira ifuro mu kanwa, agahekenya imisaya, hanyuma umubiri wiwe ukadadarara.”


Bose batanze ku musesekara w’ubutunzi bwabo; ariko we, mu bukene bwiwe, atanze ivyomubeshejeho vyose.”


kuko umukobwa wiwe yariko aracikana. Yari amufise wenyene kandi yari afise imyaka nka cumi n’ibiri. Yesu ari mu nzira agenda, yari akikijwe n’abantu isinzi bamugunda.


Aca yegera Yesu amuturutse inyuma, akora ku musozo w’impuzu yiwe. Ubwo nyene kwa kuva amaraso guca kurahera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite