Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 8:40 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

40 Yesu asubiye inyuma asanganirwa n’abantu isinzi bari bamurindiriye.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

40 Yesu agarutse, ishengero riramusanganira, kuko bose bāri bamurorereye.

Gade chapit la Kopi




Luka 8:40
12 Referans Kwoze  

Yesu amaze kujabuka agasubira hakurya y’ikiyaga, abantu isinzi baraza bakoranira hafi y’ikiyaga aho yari ari.


Maze Yesu atambukira mu bwato, ajabuka hakurya y’ikiyaga aja mu gisagara c’iwabo.


kuko Herode yatinya Yohana akamukingira. Yari amuzi nk’umuntu w’umugororotsi kandi w’intungane. Igihe cose yamwumviriza, ivyiwe vyaramubuza amahoro, ariko kandi agakunda kumwumviriza.


Ni ko guca ndagutumako ubwo nyene, kandi wagize neza kuza. None rero ubu twese turi hano imbere y’Imana kugira ngo twumve ivyo Imana yagutumye kutubwira vyose.”


Yohana yari nk’itara ryaka rikabonesha, kandi mwamaze igihe munezererewe umuco wiwe.


Ariko ntibaronka aho bamuca kuko abantu bose bakunda cane kwumviriza inyigisho ziwe.


Nuko aca arururuka ningoga, amwakira iwe yuzuye umunezero.


Umusi umwe Yesu yari ku nkengera y’ikiyaga c’i Genezareti, akikujwe n’isinzi ry’abantu bariko bumviriza ijambo ry’Imana.


None ko Dawidi ubwiwe amwita Umwami, yoba umwana wiwe gute?” Abantu benshi bari ngaho bamwumviriza buzuye umunezero.


“Subira i muhira ubarire abantu ivyo Imana yagukoreye.” Wa muntu aca arataha aca hose mu gisagara, agenda arabwira abantu ivyo Yesu yamukoreye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite