Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 8:35 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

35 Maze abantu bava mu gisagara baza kuraba ivyabaye. Bashitse aho Yesu ari, babona wa muntu yakize abadayimoni, yicaye imbere ya Yesu, yambaye kandi afise ubwenge bukwiye, na bo bagira ubwoba.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

35 Na bo bavayo, baza kurāba ivyābaye, bashika aho Yesu ari, basanga wa muntu yavuwemwo n’abadayimoni, yicaye i ruhande y’ibirenge vya Yesu, yambaye, ubgenge bgāgarutse; baratinya.

Gade chapit la Kopi




Luka 8:35
13 Referans Kwoze  

Marita yari afise mwene nyina yitwa Mariya. Maze Mariya aragenda yicara imbere y’Umwami Yesu, yumviriza inyigisho ziwe.


Umuntu wese abandanya akora ivyaha ni uwa wa mubi, kuko uwo mubi yamye akora ivyaha kuva mu ntango. Ariko Umwana w’Imana yaje gusambura igikorwa ca wa mubi.


“Ndi Umuyuda, navukiye i Taruso muri Kilikiya, ariko nakuriye hano i Yerusalemu, nigishwa na Gamaliyeli kwitondera ivyagezwe vya ba sogokuruza mu kuri kwavyo kwose. Nagize ishaka ryinshi ryo kwubaha Imana nk’uko namwe muri hano uwu musi muyubaha.


Yesu atambukiye ku nkengera y’ikiyaga, asanganirwa n’umugabo yarimwo abadayimoni, aje ava mu gisagara citwa Gerasa. Yari amaze igihe kirekire atambara impuzu canke ngo abe mu nzu; yaba mw’itongo ry’abapfuye.


Ariko umusi umwe akenge karagaruka, aribwira ati: ‘Kwa data hari abakozi benshi kandi bararya bagasigaza, ariko jeho inzara igira inyicire hano.


Haheze imisi itatu, bamusanga mu rusengero yicaranye n’abigisha b’ivyagezwe, abumviriza yongera ababaza ibibazo.


Bashitse aho Yesu ari, babona wa muntu yari yaraboshwe n’abadayimoni menshi yicaye, yambaye kandi afise ubwenge bukwiye, maze bagira ubwoba.


Nuko inkuru ziwe zikwiragira hose, gushika no muri Siriya. Bamuzanira abarwayi bose: abafise ububabare butandukanye, ababoshwe n’abadayimoni, abarwaye intandara, hamwe n’abatikakaza kubera bababara mu mubiri; bose arabakiza.


Abari baragiye izo ngurube babibonye baca bariruka, baja kubivuga mu gisagara no mu mihana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite