Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 8:31 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

31 Ba badayimoni binginga Yesu ngo ntabarungike i kuzimu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 Baramwinginga ngo ntababarire kuja i kuzimu.

Gade chapit la Kopi




Luka 8:31
14 Referans Kwoze  

Hanyuma Umwami azohindukira abwire abari i bubamfu bwiwe ati: ‘Mva mu maso mwa bivume mwe, muje mu muriro utazozima wateguriwe Satani n’abamarayika biwe.


Ariko ca gikoko gica gifatwa mpiri hamwe na wa muvugishwa w’ibinyoma yakora ibitangaza mw’izina ryaco. Ivyo bitangaza ni vyo cahendesha bamwe bashirwako ikimenyetso caco, bagasenga n’igishushanyo caco. Ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma baca batererwa mu kiyaga caka umuriro.


Kirya gikoko wabonye, carigeze kubaho ariko ubu ntikikiriho, ariko kizogaruka vuba kivuye i kuzimu, kije kurandurwa. Ababa kw’isi batandikishije amazina yabo mu gitabu c’ubugingo kuva isi ikiremwa bazotangara nibabona ico gikoko, kuko cigeze kubaho, ubu kikaba kitakiriho, hanyuma kikazoba kizogaruka.


Baheje gushinga intahe, ca gikoko c’i kuzimu kizobatera, kibaneshe, hanyuma kibice.


Umwami wazo yari umumarayika w’i kuzimu, izina ryiwe mu Giheburayo ni Abadoni, mu Kigiriki ni Apoluwoni, bisigura Umuranduzi.


Abonye Yesu, aca akoma induru, yikubita ku birenge vyiwe, asemerera n’ijwi rirenga ati: “Undonderako iki ga Yesu, Mwana w’Imana Musumbavyose? Ndakwinginze ntuntoteze!”


Hafi y’aho hari umukuku w’ingurube nyinshi zari ziragiwe ku musozi. Abo badayimoni binginga Yesu ngo abarungike muri izo ngurube, maze arabemerera.


canke ngo: “Ni nde azomanuka i kuzimu iyo abapfuye bari?” (bisigura: kuzura Kristo mu bapfuye).


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite