Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 8:28 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

28 Abonye Yesu, aca akoma induru, yikubita ku birenge vyiwe, asemerera n’ijwi rirenga ati: “Undonderako iki ga Yesu, Mwana w’Imana Musumbavyose? Ndakwinginze ntuntoteze!”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 Abonye Yesu arasemerera, amwikubita imbere, avuga n’ijwi rirenga, ati Duhūriye hehe ga Yesu, Mwana w’Imana isumba vyose? Ndakwinginze, ntumbabaze agashinyaguro.

Gade chapit la Kopi




Luka 8:28
14 Referans Kwoze  

Bamubonye, abo badayimoni baca barasemerera bati: “Uturonderako iki ga Mwana w’Imana? Uje kutubabaza kandi igihe cacu kitaragera?”


Kuko nimba Imana itihanganiye abamarayika igihe bacumura, ariko ikabaterera muri Gehinomu, mu minyororo y’umwijima gushika ku musi w’imanza.


Wa mubi yabahenda, atabwa mu kiyaga caka umuriro, aho ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma bari batawe. Bazobabazwa ijoro n’umurango, ibihe bidashira.


Umuntu wese abandanya akora ivyaha ni uwa wa mubi, kuko uwo mubi yamye akora ivyaha kuva mu ntango. Ariko Umwana w’Imana yaje gusambura igikorwa ca wa mubi.


Uvuga ko ufise ukwizera kuko wizera ko hari Imana imwe. Ivyo ni vyiza! Ariko n’abadayimoni ivyo baravyizera, mbere bakanajugumira kubera gutinya.


Yesu atambukiye ku nkengera y’ikiyaga, asanganirwa n’umugabo yarimwo abadayimoni, aje ava mu gisagara citwa Gerasa. Yari amaze igihe kirekire atambara impuzu canke ngo abe mu nzu; yaba mw’itongo ry’abapfuye.


Ivyo yabivuze kuko Yesu yari yategetse iyo mpwemu mbi kumuvamwo. Kenshi iyo mpwemu mbi imufashe, naho bamubohesha iminyororo n’ivyuma amaguru n’amaboko kugira ngo agume hamwe, yarayicagagura, ya mpwemu mbi ikamutwara kuyerera mu gahinga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite