Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 8:25 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Yesu aca abaza ba bigishwa ati: “Ukwizera kwanyu kuri he?” Maze baratangara, bagira n’ubwoba bwinshi, batangura kubazanya bati: “Mbega uwu ni umuntu ki? Ategeka umuyaga n’amazi kandi bikamwumvira!”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Arababaza, ati Mbeg’ ukwizera kwanyu kuri hehe? Baratinya baratangara, barabazanya, bati Mbeg’ uyu n’umuntu ki, kw abarira n’umuyaga n’amazi bikamwumvira?

Gade chapit la Kopi




Luka 8:25
16 Referans Kwoze  

Yesu arabishura ati: “Yemwe mwa bantu b’ukwizera guke, ni kuki mufise ubwoba?” Aca aravyuka, akankamira uwo muyaga n’imipfunda, haca haba agahwekere.


Ubwo nyene, Yesu atuma ukuboko aramufata, amubwira ati: “Wa muntu w’ukwizera guke, ni kuki wakekeranije?”


Yesu aramubwira ati: “Sinakubwiye ko niwizera uja kubona ubwiza bw’Imana?”


Nimba Imana yambika gutyo ivyatsi vyo ku misozi, biriho uno musi ariko ejo bikazotererwa mu ziko, mbega ntizorushirizaho kubambika, yemwe ab’ukwizera guke!


Yesu arabishura ati: “Ni kubera ukwizera guke kwanyu. Ndababwire ukuri, iyo muba mwari mufise ukwizera kungana n’akabuto k’igiterwa citwa mutaride, mwobwira uriya musozi muti: ‘Imuka uve ngaha,’ kandi woca wimuka. Nta kintu na kimwe kitobashobokera. [


Nimba Imana yambika gutyo ivyatsi vyo ku misozi, biriho uno musi ariko ejo bikazotererwa mu ziko, mbega ntizorushirizaho kubambika, yemwe ab’ukwizera guke!


Yesu avyumvise aratangara cane, abwira abariko baramukurikira ati: “Ndababwire ukuri, nta muntu n’umwe muri Isirayeli nari bwabonane ukwizera gukomeye nk’uku.


Ku mugoroba w’uwo musi nyene, Yesu abwira abigishwa biwe ati: “Tujabuke tuje hakurya y’ikiyaga.”


Abigishwa baca baja kumuvyura bavuga bati: “Mwigisha, mwigisha, turapfuye!” Nuko aravyuka akankamira uwo muyaga n’imipfunda, igihuhusi kirahagarara, ubwo nyene haba agahwekere!


Nuko barasoza bashika mu ntara ya Gerasene, hakurya y’ikiyaga harabana n’i Galilaya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite