Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 8:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Nuko rero mwiyubare ku vyo mwumva. Uwufise vyinshi azokwongererezwa, uwufise bike na we azokwakwa n’ivyo yibaza ko afise.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Mwiyubare uburyo mwumva: kuk’ ūfise azohabga, kand’ ūdafise azokwakwa n’ico yiyumvira kw afise.

Gade chapit la Kopi




Luka 8:18
25 Referans Kwoze  

Uwufise azokwongererezwa asesekarizwe, ariko uwa bike azokwakwa n’ivyo yari afise.


Na we arabishura ati: ‘Ndababwire ukuri, uwufise vyinshi azokwongererezwa, uwufise bike na we azokwakwa na bike afise.


Kuko uwufise azokwongererezwa asesekarizwe, ariko uwutagira ico afise azokwakwa n’ivyo yari afise.


Ishami ryose ryo kuri jewe ritama ararica, ariko ishami ryose ryama ararituturira akarituganya kugira ngo rirushirize kwama.


Ni co gituma dutegerezwa kwitwararika cane ukuri twumvise, kugira ngo ntituzimire tukakuvamwo.


Nimba muri mwebwe hari uwibwira ko ari umuvugishwa n’Imana canke afise ingabire za Mpwemu Yera, akwiye kwemera ko ivyo ndabandikiye ari ibwirizwa rivuye ku Mwami Imana.


Iyo umuntu yibwira ko azi ikintu, ntaba arakimenya gushika ku rugero yategerezwa gushitsako mu kukimenya.


Ntimwihende! Nimba muri mwebwe hari uwibaza ko ari umunyabwenge afatiye ku rugero rw’ubwenge bwo mw’isi, yari akwiye kuba ikijuju kugira ngo ashobore kuba umunyabwenge w’ukuri,


Nisunze ubuntu nahawe n’Imana, ndahanuye umuntu wese muri mwebwe ngo ntiyifate uko atari mu kwiyumvira ko ari uwuhambaye, ariko yicishe bugufi mu kwifata uko ari, yisunze urugero rwo kwizera Imana yamuhaye.


Abantu b’i Beroya bari bugurutse kurusha ab’i Tesalonike, kuko bakiriye Ubutumwa Bwiza n’ishaka ryinshi, bakama basesangura Ivyanditswe ku musi ku musi, kugira ngo barabe ko ivyo Pawulo abigisha ari ivy’ukuri.


Ni ko guca ndagutumako ubwo nyene, kandi wagize neza kuza. None rero ubu twese turi hano imbere y’Imana kugira ngo twumve ivyo Imana yagutumye kutubwira vyose.”


“Nimunyumvirize neza kandi mushire umutima ku vyo ngira ndababwire: Umwana w’Umuntu agiye gutabwa mu maboko y’abantu.”


N’aho nari mfise imvo zo kwiyizigira kandi nimba hari n’abandi bibaza ko bafise imvo zotuma bishimira ivy’umubiri, jewe mfise nyinshi kubarusha.


Nimwabona ca ‘kizira gihumanya’ gihagaze aho kidakwiye guhagarara (uwusoma niyiyubare), abazoba bari i Yudaya baze bahungire ku misozi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite