Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 8:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Hari abandi bantu bameze nk’isi yo ku rutare. Abo na bo iyo bumvise ijambo ry’Imana, baryakirana umunezero, ariko kubera ritagira imizi muri bo, bizera akanya gato. Hagize ibibagerageza, baca bata ukwizera.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Abo ku rutare n’aba: iyo bumvise iryo jambo, baryākīrana umunezero, ariko ntibagira imizi, bizera akanya gato, maze mu gihe c’igeragezwa bakarireka.

Gade chapit la Kopi




Luka 8:13
37 Referans Kwoze  

Yohana yari nk’itara ryaka rikabonesha, kandi mwamaze igihe munezererewe umuco wiwe.


Kubana na bo iyo musangira mu misi mikuru y’urukundo nk’abizera ni agatetereza, kandi ivyo babikora ata co basonera. Bameze nk’abungere biragira ubwabo. Bameze nk’ibicu bitagira imvura bikubebwa n’umuyaga. Bameze kandi nk’ibiti bitagira ivyamwa mu gihe c’iyera, vyaranduranywe n’imizi bipfa kabiri.


Kuri bo wa mugani warashitse ngo: “Imbwa isubiye ku vyo idashwe,” kandi ngo: “Ingurube yari yogejwe isubiye kwivayanga mu vyondo.”


Ko bari barahunze bakava mu bibonona vy’iyi si babihawe no kumenya Umwami n’umukiza wacu Yesu Kristo, hanyuma bakongera kubohwa na vyo kandi bakaba baratsinzwe, ubu babaye babi kurusha ubwa mbere.


Ariko twebwe ntituri mu basubira inyuma bagahona, ahubwo turi mu bizera bagakiza imitima yabo.


kugira ngo Kristo abe mu mitima yanyu biciye mu kumwizera. Kandi ndasenga kugira ngo mwebwe, mumaze gushingwa neza mu rukundo rwiwe,


Nk’uko umubiri utagira impwemu uba upfuye ni ko n’ukwizera kudaherekejwe n’ibikorwa kuba gupfuye.


uzigamye neza ukwizera, ata jwi rikwagiriza mu mutima. Kuko bamwe baritaye n’ibigirankana, ukwizera kwabo kuba imburakimazi nk’ubwato busavye.


Ni co gituma rero, kuko ntari ngishoboye kuvyihanganira, naciye ndungika Timoteyo kugira ngo nshobore kumenya ko ukwizera kwanyu kwoba kugikomeye. Nari mfise ubwoba ko wa mugeragezi yoba yarabagerageje, maze igikorwa cacu muri mwebwe kikaba cabaye impfagusa.


mushinze imizi kandi mwubatswe neza muri we, mukomeye mu kwizera nk’uko mwigishijwe, kandi amashimwe yanyu ari menshi asesekaye.


Mbega imibabaro yose mwaciyemwo, yari iy’ubusa? Haba na mba ntiyari iy’ubusa.


Mbega mwa Bagalatiya b’ibijuju, ni nde yabaroze? Ndazi neza ko ivy’urupfu rwa Yesu Kristo mwabishikirijwe neza nk’aho mwamwiboneye abambwe ku musaraba.


Ubwo Butumwa ni bwo bubakiza mwumiye ku majambo nababwiye. Ahandi ho ukwizera kwanyu kwoba ari ukw’ubusa.


Uwutagumye muri jewe, ameze nk’ishami riterewe hanze rikuma; amashami ameze nk’iryo barayegeranya bakayaterera mu muriro agasha.


Ishami ryose ryo kuri jewe ritama ararica, ariko ishami ryose ryama ararituturira akarituganya kugira ngo rirushirize kwama.


nimba vy’ukuri mwagumye mu kwizera, mushinzwe neza kandi mutanyiganyiga mu vyizigiro vyanyu biva mu Butumwa Bwiza. Ubwo ni bwo mwumvise kandi bwavuzwe mu vyaremwe vyose biri musi y’ijuru. Ubwo ni bwo jewe, Pawulo, nabereye umukozi.


Naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkagira ukwizera kwokwimura imisozi ariko ntagira urukundo, vyoba ari ubusa.


kuko Herode yatinya Yohana akamukingira. Yari amuzi nk’umuntu w’umugororotsi kandi w’intungane. Igihe cose yamwumviriza, ivyiwe vyaramubuza amahoro, ariko kandi agakunda kumwumviriza.


Bavuye muri twebwe, ariko mu vy’ukuri ntibari abacu. Kuko iyo baba abacu, bari kugumana natwe. Ukugenda kwabo kwerekanye ko ata n’umwe muri bo yari uwacu.


Abantu bamwe bameze nk’isi y’i ruhande y’inzira. Iyo abo bantu bumvise ijambo ry’Imana, Satani araza akarikura mu mitima yabo kugira ngo ntibizere ngo bakizwe.


Hari n’abameze nk’isi yamezeko amahwa. Abo na bo bagiheza kwumva ijambo ry’Imana, imyitwarariko y’ivy’ubu buzima, ubutunzi n’ibihimbaro vy’iyi si biraza bikanyoha icatewe muri bo, hanyuma bikababuza gukura mu vy’impwemu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite