Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 8:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Inyuma y’ivyo, Yesu agendagenda mu bisagara no mu mihana, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami bw’Imana. Bamwe cumi na babiri bari kumwe na we,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Hashize igihe gitoya, agendagenda mu bisagara no mu mihana, ababgira ijambo ry’Imana, avuga ubutumwa bgiza bg’ubgami bgayo; bamwe cumi na babiri bajana na we,

Gade chapit la Kopi




Luka 8:1
18 Referans Kwoze  

Ico gihe Yesu agendagenda mu ntara yose ya Galilaya yigishiriza mu masinagogi yaho, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza abantu ingwara zose n’ubumuga bwose.


Mbega hoho abantu bovuga ivyiwe bate ata wabatumye? Ni co gituma Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Ese ukuntu ibirenge vy’abazanye Ubutumwa Bwiza ari vyiza!”


Natwe rero turi ngaha tubabwira iyi nkuru nziza: Ico Imana yasezeraniye ba sogokuruza


ingene Imana yarobanuje Yesu w’i Nazareti Mpwemu Yera n’ubushobozi, n’ukuntu yagendagenda hose agira neza, akiza n’abari mu gacinyizo ka wa mubi, kuko Imana yari kumwe na we.


“Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe, kuko yansize amavuta ngo mbwire aboro Ubutumwa Bwiza. Yantumye kurekura imbohe ngo zidegemvye, guhumura amaso y’impumyi, kurekura abacinyijwe ngo bidegemvye,


Nuko agendagenda mu ntara ya Galilaya yose, avuga Ubutumwa Bwiza mu masinagogi, yirukana n’abadayimoni.


Iyo umuntu yumvise ubutumwa bw’Ubwami, hanyuma ntabutahure, wa mubi aca aza akarandura icari cabibwe mu mutima wiwe. Izo ni zo mbuto zabibwe i ruhande y’inzira.


Yesu ahejeje gusigurira neza abigishwa biwe cumi na babiri igikorwa abatumye, ava ngaho aja kwigisha no kuvuga Ubutumwa Bwiza mu bisagara vy’i Galilaya.


Hanyuma Yesu agendagenda mu bisagara vyose no mu mihana yose yigisha mu masinagogi yabo, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza ubumuga bwose n’ingwara zose.


Uwo mwana arakura, arakomera mu mpwemu, aba mu bugaragwa gushika igihe yiyerekeye Abisirayeli.


Nuko baca bafata inzira, baca mu mihana itandukanye, bavuga Ubutumwa Bwiza, bakiza n’abarwaye aho baca hose.


Umusi umwe Yesu yariko arigisha abantu mu rusengero, ababwira Ubutumwa Bwiza. Maze abakuru b’abaherezi, abigisha b’ivyagezwe n’abakuru b’Abayuda baza aho ari.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite