Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 7:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Yesu aca ajana na bo. Ari hafi yo gushika, wa musoda aca arungika abagenzi biwe ngo baje kumubwira bati: “Mwami, ntiwirirwe urigora, kuko ntibimbereye kukwakira mu nzu yanje.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Yesu ajana na bo. Atakiri kure y’inzu, wa mugabisha amutumakw incuti ziwe, ati Mugenzi, nturinde kwigora, kuko bitambereye ko winjira mu nzu yanje:

Gade chapit la Kopi




Luka 7:6
15 Referans Kwoze  

Ariko ubuntu iduha burarengeye. Ni co gituma Ivyanditswe bivuga ngo: “Imana igwanya abibona ariko ikagirira ubuntu abaciye bugufi.”


Nuko Yesu ajana na we. Kandi hari abantu isinzi bari bamukurikiye, bamubanda.


Akiriko aravuga, haca haza umuntu avuye kwa Yayiro, wa mukuru w’isinagogi, abwira Yayiro ati: “Umukobwa wawe yamaze gucikana. Nta co ubandanya ugora umwigisha.”


Mwicishe bugufi imbere y’Umwami, na we azobashira hejuru.


ingene Imana yarobanuje Yesu w’i Nazareti Mpwemu Yera n’ubushobozi, n’ukuntu yagendagenda hose agira neza, akiza n’abari mu gacinyizo ka wa mubi, kuko Imana yari kumwe na we.


Simoni Petero abibonye, apfukama imbere ya Yesu, amubwira ati: “Mwami, igira kure yanje kuko ndi umunyavyaha!”


kuko n’Umwana w’Umuntu ntiyazanywe no gukorerwa, ahubwo yazanwe no gukorera abandi no gutanga ubuzima bwiwe ngo bube incungu ya benshi.”


Jewe ndababatiza mu mazi kuko mwihanye ivyaha, ariko uwuje inyuma yanje arandusha ubushobozi, mbere ntibimbereye no kumutwaza ibirato. We azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


Bashitse aho Yesu ari, baramwinginga bashimitse bati: “Uwu muntu birakwiye ko umufasha,


kuko arakunda ihanga ryacu kandi yaratwubakiye n’isinagogi.”


Simbereye no kuza aho uri ngo duhure. Ariko vuga ijambo rimwe gusa, umukozi wanje arakira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite