Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 7:42 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

42 Abonye ata n’umwe muri abo ashoboye kumwishura, aca ayabahebera bompi. None ni nde muri abo babiri azomukunda cane?”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

42 Maze badafise ico kumwishura, azibahebera bompi. Mbeg’ ūzorushiriza kumukunda n’uwuhe?

Gade chapit la Kopi




Luka 7:42
23 Referans Kwoze  

Mushigikirane kandi mubabarirane iyo umuntu agize ico apfa na mugenziwe. Mubabarirane nk’uko Umwami Yesu yabababariye namwe.


Mugiranire neza kandi mubabarane, mwongere muharirane nk’uko Imana yabahariye muri Kristo.


Muri we ni ho twaherewe ugucungurwa biciye mu maraso yiwe, ni kwo guharirwa ivyaha vyacu, kubera ubuntu bwayo bwinshi!


Ariko abizeye ko bazokizwa n’ivyagezwe bari musi y’umuvumo, kuko handitswe ngo: “Aravumwe umuntu adakurikiza ivyanditswe vyose mu gitabu c’ivyagezwe.”


Igihe twari tukiri abanyantegenke, Kristo yaraje, aza mu gihe Imana yashinze, maze aradupfira twebwe abanyavyaha.


Ariko Imana, mu buntu bwayo, itwemera nk’abagororotsi mu maso yayo biciye mu gucungurwa turonkera muri Kristo Yesu.


Maze shebuja aca araraka cane, amuta mw’ibohero kugira ngo azoveyo arishe umwenda wiwe wose.


Uduharire ivyaha vyacu, nk’uko natwe duharira abaducumuyeko.


Shebuja amutera ikigongwe, amuhebera uwo mwenda wiwe, aramurekura aragenda.


Simoni na we arishura ati: “Nibaza ko ari uwo yahebewe menshi.” Yesu aca amubwira ati: “Wishuye neza.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite