Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 7:41 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 Yesu aca amucira umugani ati: “Habaye muntu yaguranye idenariyo abantu babiri; umwe amuha ibihumbi amajana atanu, uwundi ibihumbi bitanu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Aramubgira, ati Hābaye umuntu yagurāna, yar’ afise abari mu mwenda wiwe babiri. Umwe yar’ amufitiye idenariyo amajana atanu, uwundi mirongwitanu.

Gade chapit la Kopi




Luka 7:41
17 Referans Kwoze  

Nuko rero ndakubwire, yerekanye urukundo rwinshi kuko yahariwe ivyaha vyiwe vyinshi. Ariko uwahariwe bike, yerekana urukundo ruke.”


Ivyagezwe vyatanzwe kugira ngo abantu bose bashobore kubona ingene ari abanyavyaha. Ariko uko abantu barushirije gucumura cane, ni ko n’ubuntu bw’Imana butangaje bwarushirije kuba bwinshi.


Uwo mukozi agisohoka ahura na mugenziwe bakorana amuheraniye idenariyo ijana. Amufata mw’izosi atangura kumunigura ati: ‘Ndiha umwenda umfitiye ningoga!’


Uduharire ivyaha vyacu, nk’uko natwe duharira abaducumuyeko.


Kuko abantu bose baracumuye, bituma badashikira ubwiza bw’Imana.


Uduharire ivyaha vyacu, kuko natwe duharira umuntu wese aducumuyeko. Ntudutererane ibitugerageza.’ ”


Canke mwibaza ko bamwe cumi n’umunani bapfa igihe umunara wabagwako i Silowamu bari abanyavyaha kurusha ababa i Yerusalemu bose?


Ariko uwutazi ivyo shebuja agomba, hanyuma agakora ibitari vyo, azohanwa buhoro. Uwahawe vyinshi azosabwa vyinshi, kandi ujwejwe vyinshi azobazwa vyinshi.


Yesu arabishura ati: “Nimubagaburire mwebwe nyene.” Na bo baramubwira bati: “Mbega twokura hehe idenariyo amajana abiri zo kugura ivyokurya bikwiye aba bantu?”


Yesu aca aramubwira ati: “Simoni, ndafise ico ndakubwira.” Simoni na we ati: “Mbarira, Mwigisha!”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite