Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 7:39 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

39 Wa Mufarisayo yamutumira abibonye, atangura kwivugana mu mutima ati: “Iyaba uwu muntu yari uwuvugishwa n’Imana, yari kumenya uwuriko aramukorako, akamenya uwu mugore uwo ari we, ko ari umunyavyaha.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

39 Wa Mufarisayo yamuhamagaye abibonye, aribgira, at’ Uyu muntu iy’aba ūvugishwa n’Imana, yari kumenya uyu mugore amukozeko, ukw ari kand’ ukw asa, kw ar’ umunyavyaha.

Gade chapit la Kopi




Luka 7:39
25 Referans Kwoze  

Abari aho bose baterwa n’ubwoba, bongera bashima Imana, bati: “Uwuvugishwa n’Imana ahambaye yatwiyeretse, Imana yaje gutabara abantu bayo.”


Maze Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe batangura kwidodomba bati: “Uwu mugabo yicarana n’abanyavyaha, agasangira na bo!”


Kuko imbere mu mutima w’umuntu ni ho hava ivyiyumviro bibi, ingeso mbi z’ivy’isoni nke, ubusuma, ubwicanyi,


Basubira gutumako wa muntu yahora ari impumyi ubugira kabiri, baramubwira bati: “Ubaha Imana, utubwire ukuri, kuko turazi ko urya muntu yagukijije ari umunyavyaha.”


Muri iryo sinzi ry’abantu bari aho, hari urusaku rwinshi bavugana ku vya Yesu. Bamwe bavuga bati: “Ni umuntu mwiza.” Abandi bakavuga bati: “Oya, ni umuntu azimiza abantu.”


Wa mugore aramwishura ati: “Nyakwubahwa, ndabona ko uri uwuvugishwa n’Imana.


Uwo mucamanza amara igihe atamwumviriza. Ariko arateba aribwira ati: ‘Ni vyo, nsintinya Imana kandi sinsonera n’abantu,


Wa munyabigega aca aribaza ati: ‘Mbega ndabigenza gute ko databuja agira ankure mu kazi? Nta nkomezi mfise zo kurima, kandi gusega vyontera isoni.


Hanyuma umugore umwe wo muri ico gisagara yari azwi nk’umunyavyaha yumva ko Yesu ariko afungurira mu nzu y’uwo Mufarisayo. Aca aza azanye icupa ririmwo amavuta amota cane y’igiciro kinini,


Nimukore ibikorwa vyerekana ko mwihanye, mureke kwibwira mu mitima yanyu muti: ‘Turi uruvyaro rwa Aburahamu.’ Kuko ndababwira ko, no muri aya mabuye mubona, Imana ishobora gukuramwo abana ba Aburahamu.


Aribwira ati: ‘Mbega nkore iki ko mbuze aho nkwiza umwimbu wanje?’


Abari inyuma bazoba ab’imbere, kandi abari imbere bazoba ab’inyuma.”


Abandi bakishura bati: “Ni Yesu, umuvugishwa w’i Nazareti mu ntara ya Galilaya.”


apfukama i ruhande y’ibirenge vya Yesu arira, ajojotereza amosozi yiwe ku birenge vya Yesu, abihanaguza umushatsi wiwe, arabisomagura yongera abisiga ya mavuta.


Yesu aca aramubwira ati: “Simoni, ndafise ico ndakubwira.” Simoni na we ati: “Mbarira, Mwigisha!”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite