Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 7:37 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

37 Hanyuma umugore umwe wo muri ico gisagara yari azwi nk’umunyavyaha yumva ko Yesu ariko afungurira mu nzu y’uwo Mufarisayo. Aca aza azanye icupa ririmwo amavuta amota cane y’igiciro kinini,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

37 Umugore wo mur’ ico gisagara, yar’ umunyavyaha, amenye yukw arīra mu nzu y’uwo Mufarisayo, azana ikebano ry’amavuta atāmirana,

Gade chapit la Kopi




Luka 7:37
18 Referans Kwoze  

Sinaje kurondera abibaza ko ari abagororotsi, ahubwo naje kurondera abazi neza ko ari abanyavyaha, kugira ngo bihane.”


Mbega muri abo babiri, ni nde yakoze ivyo se yagomba?” Baramwishura bati: “Uwa mbere.” Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, abatozakori biba n’abamaraya barabatanze kwinjira mu Bwami bw’Imana.


Kandi, “Nimba umugororotsi arokoka bigoranye, mbega uwutubaha Imana n’umunyavyaha bo bizobagendera gute?”


Kandi turazi ko ivyagezwe bitashiriweho abagororotsi, ariko vyashiriweho abatumvira n’ibigaba, abatubaha Imana n’abanyavyaha, abadasonera Imana canke ivyejejwe, abica ba se canke ba nyina, abicanyi,


Ariko wa mutozakori ahagarara kure, ntiyubahuka no kurangamiza mw’ijuru, yamara yikubita ku gikiriza, avuga ati: ‘Mana, ngirira imbabazi, jewe umunyavyaha.’


Ariko Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe babaza abigishwa ba Yesu bamwidodombera bati: “Ni kuki mwicarana n’abatozakori n’abandi banyavyaha, mugasangira na bo?”


Ariko, Imana yo yatweretse urukundo rwayo rwinshi mu gutuma Kristo kudupfira kandi tukiri abanyavyaha.


(Uwo Mariya ni umwe yasuka amavuta atamirana ku birenge vy’Umwami Yesu akabihanaguza imishatsi yiwe. Musazawe, Lazaro, ni we yari arwaye.)


Iri jambo ni iryo kwizigirwa, rikwiye kwakirwa n’abantu bose, rivuga ngo: Kristo Yesu yazanywe kw’isi no gukiza abanyavyaha, muri abo ndi agahebuza.


Turazi ko Imana itumva ugusenga kw’abanyavyaha, ariko ko yumva ugusenga kw’umuntu ayubaha agakora ivyo ishaka.


Basubira gutumako wa muntu yahora ari impumyi ubugira kabiri, baramubwira bati: “Ubaha Imana, utubwire ukuri, kuko turazi ko urya muntu yagukijije ari umunyavyaha.”


Ababibonye bose batangura kwidodomba bati: “Agiye kurara mu nzu y’umunyavyaha!”


Umwana w’Umuntu na we aza arya, kandi anywa, muca muvuga muti: ‘Ni umukunzi w’inda kandi ni imborerwa, agendana n’abatozakori n’abandi banyavyaha.’


Maze umwe mu Bafarisayo atumira Yesu ngo amuzimane. Nuko Yesu aragenda, yinjira mu nzu yiwe, yicara ku meza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite