Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 7:34 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Umwana w’Umuntu na we aza arya, kandi anywa, muca muvuga muti: ‘Ni umukunzi w’inda kandi ni imborerwa, agendana n’abatozakori n’abandi banyavyaha.’

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Umwana w’umuntu yaje arya, anywa, mugira muti Nguyu umukunzi w’inda n’umunoho wa vino, incuti y’abatozakori n’abanyavyaha.

Gade chapit la Kopi




Luka 7:34
13 Referans Kwoze  

Maze Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe batangura kwidodomba bati: “Uwu mugabo yicarana n’abanyavyaha, agasangira na bo!”


Nuko bategurira amazimano Yesu, kandi Marita ni we yazimana, Lazaro na we akaba umwe mu basangira na Yesu.


Ababibonye bose batangura kwidodomba bati: “Agiye kurara mu nzu y’umunyavyaha!”


Umusi umwe, hari kw’Isabato, Yesu aja kuzimanwa mu nzu y’umwe mu bakuru b’Abafarisayo, kandi abari ngaho bose bari bamuhanze amaso, bamugenza.


Maze umwe mu Bafarisayo atumira Yesu ngo amuzimane. Nuko Yesu aragenda, yinjira mu nzu yiwe, yicara ku meza.


Mu nyuma Lewi ategurira amazimano Yesu i muhira iwe, atumira n’abatozakori benshi n’abandi bantu, baraza basangira na bo.


Ariko Abafarisayo babibonye, babaza abigishwa biwe bati: “Ni kuki umwigisha wanyu asangira n’abatozakori n’abandi banyavyaha?”


Yesu n’abigishwa biwe na bo bari batumiwe muri ubwo bukwe.


Yesu akiriko aravuga, umwe mu Bafarisayo aramutumira ngo bajane iwe amuzimane. Nuko ashitse, aja ku meza.


Nimwakunda ababakunda gusa, n’iki cotuma muhabwa impera n’Imana? Mbega abatozakori bo si uko babigenza?


Umwana w’Umuntu na we aza arya kandi anywa, baca bavuga bati: ‘Ni umukunzi w’inda kandi ni imborerwa, agendana n’abatozakori n’abandi banyavyaha.’ Ariko icerekana ko ubwenge bugororotse ni ibikorwa vyabwo.”


Kuko Yohana Umubatizi yaje atarya, atanywa n’umuvinyu, muvuga muti: ‘Arimwo dayimoni.’


Ariko icerekana ko ubwenge bugororotse ni ubuzima bw’ababwakiriye.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite