Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 7:33 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

33 Kuko Yohana Umubatizi yaje atarya, atanywa n’umuvinyu, muvuga muti: ‘Arimwo dayimoni.’

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

33 Yohana Umubatizi yaje atarya umutsima, atanywa vino, mugira mut’ Ahagazweko na dayimoni.

Gade chapit la Kopi




Luka 7:33
12 Referans Kwoze  

kuko azoba uwuhambaye imbere y’Umwami Imana. Ntazokoza umuvinyu ku munwa canke ikindi kintu cose kiboreza, kandi azoba yuzuye Mpwemu Yera kuva akiri mu nda ya nyina.


Yohana yambara impuzu ikozwe mu bwoya bw’ingamiya, akayikenyeza umukanda w’urushato mu rukenyerero. Ivyokurya vyiwe vyari inzige n’ubuki bwo mw’ishamba.


Ariko bamwe barabacokora bavuga bati: “Aba bantu baborewe, banyoye igisama.”


Benshi muri bo bavuga bati: “Aboshwe n’umudayimoni kandi arasara. Ni kuki mumwumviriza?”


Abayuda bumvise ayo majambo baramubwira bati: “Ubu rero turatahuye neza ko uboshwe n’umudayimoni! Yaba Aburahamu canke abavugishwa n’Imana barapfuye, none wewe uvuze ngo: ‘Umuntu wese yumvira amajambo yanje ntazokwigera apfa!’


Abayuda baramwishura bati: “Ntitwihenze aho twavuga ko uri Umusamariya kandi ko uboshwe n’umudayimoni!”


Yohana yambara impuzu ikozwe mu bwoya bw’ingamiya akayikenyeza umukanda w’urushato mu rukenyerero. Ivyokurya vyiwe vyari inzige n’ubuki bwo mw’ishamba.


Umwigishwa akwiye kugera ku rugezo rw’umwigisha wiwe, kandi umukozi akwiye kugera ku rugezo rwa shebuja. Nimba umukuru w’inzu bamwise Beyelizebuli, mbega abo mu nzu yiwe ntibazorushiriza kubita gutyo!


Haciye igihe haza Yohana Umubatizi, yigishiriza mu bugaragwa bw’i Yudaya,


Bameze nk’abana bicaye ku mbuga, bahamagara bagenzi babo bakababarira bati: ‘Twabavugirije umwironge, ariko ntimwatamba; hanyuma tubaririmbira iz’ikigandaro, ntimwarira.’


Umwana w’Umuntu na we aza arya, kandi anywa, muca muvuga muti: ‘Ni umukunzi w’inda kandi ni imborerwa, agendana n’abatozakori n’abandi banyavyaha.’


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite