Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 7:24 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Ba bigishwa bamaze kugenda, Yesu aca atangura kuvuga ivyerekeye Yohana Umubatizi, ati: “Mbega mwagiye kuraba iki mu bugaragwa? Ni irenga rizungagizwa n’umuyaga?

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Abatumwa ba Yohana bagiye, atangura kubgira ishengero ivya Yohana, ati Mwagiye mu bugaragwa kurāba iki? Mbega n’irenga rihungabanywa n’umuyaga?

Gade chapit la Kopi




Luka 7:24
14 Referans Kwoze  

Aho rero ni ho tutazosubira kumera nk’inzoya, ngo dukubebwe tujanwa hirya no hino n’imipfunda, twongera tuzungagizwa n’umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho z’ibinyoma n’amayeri vy’abantu bazimiza.


Anasi na Kayafa na bo bari abaherezi bakuru. Ico gihe ni ho ijambo ry’Imana ryaza kuri Yohana mwene Zakariya ari mu bugaragwa.


Uwo mwana arakura, arakomera mu mpwemu, aba mu bugaragwa gushika igihe yiyerekeye Abisirayeli.


Nuko rero, bakundwa, ko musanzwe mubizi, mwame mugavye kugira ngo ntimuzimizwe n’inyigisho mbi z’abantu b’abagarariji ngo munyiganyige muve mu kibanza canyu.


Abo bantu bameze nk’amasoko yakamye n’ibicu bikubebwa n’umuyaga. Kandi babikiwe umwijima w’umuzitanya.


Nuko Yohana yishura akoresheje amajambo y’uwavugishwa n’Imana Yesaya ati: “Ndi ijwi ry’uwusemerera mu bugaragwa ati: ‘Nimugororere Uhoraho inzira.’”


Harahiriwe uwudakekeranya ivyanje.”


Canke mwari mugiye kuraba umuntu yambaye impuzu z’igiciro kinini? Haba na mba! Abambara impuzu z’agaciro n’abiyamira mu bikayangana baba mu birimba.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite