17 Nuko inkuru ya Yesu ikwira i Yudaya hose no mu micungararo yaho.
17 Iyo nkuru yiwe ikwira i Yudaya hose no mu gihugu cose gihereranye na ho.
Maze Yesu yegera isandugu yarimwo ikiziga, abari bayiteruye baca barahagarara. Hanyuma avuga ati: “Muhungu, ndakubwiye, haguruka!”
Muri iyo misi, Umwami Herode Antipa yumva inkuru za Yesu kuko yari yamaze kumenyekana cane. Bamwe bavuga bati: “Yohana Umubatizi yazutse, ni co gituma afise ubushobozi bwo gukora ibitangaza.”
Ubwo nyene inkuru ziwe zica ziramamara mu ntara yose ya Galilaya.
Ariko bo, basohotse baca bakwiragiza inkuru ziwe muri iyo ntara yose.
Inkuru y’ico gitangaza ica ikwira hose muri iyo ntara.
Nuko inkuru ziwe zikwiragira hose, gushika no muri Siriya. Bamuzanira abarwayi bose: abafise ububabare butandukanye, ababoshwe n’abadayimoni, abarwaye intandara, hamwe n’abatikakaza kubera bababara mu mubiri; bose arabakiza.
Yesu amaze kuvukira i Betelehemu mu ntara ya Yudaya, ku ngoma y’umwami Herode, abanyabwenge mu vy’inyenyeri bavuye mu buseruko baja i Yerusalemu.
Yesu aca asubira i Galilaya yuzuye ubushobozi bwa Mpwemu Yera, maze inkuru yiwe ikwira akarere kose kahegereye.