Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 7:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Umwami Yesu abonye uwo muvyeyi, amugirira impuhwe, aca amubwira ati: “Reka kurira!”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Umwami Yesu amubonye amutera akagongwe, aramubarira, ati Nta co urira.

Gade chapit la Kopi




Luka 7:13
36 Referans Kwoze  

Umuherezi mukuru dufise ashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu. Mbere yaciye mu mageragezwa twese ducamwo, ariko we nta caha yakoze.


Ico gihe abantu bose bariko baramuririra. Yesu arababarira ati: “Nta co murira kuko ntiyapfuye, ahubwo arasinziriye.”


Ni co gituma vyari bikwiye ko ahinduka agasa natwe abavukanyi biwe muri vyose; kugira ngo atubere Umuherezi Mukuru w’umunyembabazi kandi w’umwizigirwa imbere y’Imana, kugira ngo atange ikimazi gikura ivyaha vy’abantu.


Yesu aramubaza ati: “Mupfasoni, ni kuki uriko urarira? Urondera nde?” Mariya yiyumviriye ko ari umurimyi wo muri iryo tongo, aramubwira ati: “Mushingantahe, nimba ari wewe wamutwaye, mbwira aho wamushize nje kumutora.”


“Aba bantu banteye ikigongwe. Tumaranye imisi itatu none raba nta vyokurya basigaranye.


(Uwo Mariya ni umwe yasuka amavuta atamirana ku birenge vy’Umwami Yesu akabihanaguza imishatsi yiwe. Musazawe, Lazaro, ni we yari arwaye.)


bariko bavuga bati: “Ni ukuri Umwami yazutse, kandi yiyeretse Simoni.”


Intumwa zibwira Umwami Yesu ziti: “Mwigisha, twongerereze ukwizera.”


abarira babeho nk’abatababaye, abari mu munezero babeho nk’abatawufise, abagura ibintu babifate nk’ibitari ivyabo.


Baramubaza bati: “Mupfasoni, ni kuki uriko urarira?” Arabishura ati: “Batwaye Umwami wanje, kandi sinzi aho bamushize.”


Umwami Yesu aca arishura ati: “Mwa ndyarya mwe! Ni nde muri mwebwe atozitura inka canke indogoba yiwe mu ruhongore ku musi w’Isabato ngo ayijane kunywa amazi?


Ivyo biheze, Umwami Yesu aca arungika abandi mirongo irindwi na babiri, abarungika ari babiri babiri, ngo babe baramwitangira imbere mu bisagara n’ahandi hantu hose yari yimirije kuja.


abatuma kubaza Umwami Yesu bati: “Ni wewe twari twiteze ko uzoza canke twitege uwundi?”


Bene Data, turashaka ko mumenya ibizoba ku basinziriye itiro ry’urupfu (abitavye Imana), kugira ntimwicwe n’umubabaro nk’abadafise ivyizigiro.


Umwami Yesu aca arahindukira, araba Petero mu maso. Petero na we aca yibuka ya majambo Yesu yari yamubwiye ati: “Uno musi nyene, isake itarabika, uza kuba umaze kunyihakana gatatu.”


Ageze hafi y’irembo ry’igisagara, haza abantu bagiye guhamba umuntu. Yari umuhungu w’ikinege kandi nyina yari umupfakazi. Hariho kandi n’isinzi ry’abantu bo muri ico gisagara bari bamuherekeje.


Maze Yesu yegera isandugu yarimwo ikiziga, abari bayiteruye baca barahagarara. Hanyuma avuga ati: “Muhungu, ndakubwiye, haguruka!”


Umusi umwe Yesu yari ahantu ariko arasenga. Ahejeje, umwe mu bigishwa biwe aramubwira ati: “Mwami, twigishe gusenga nk’uko Yohana yigishije abigishwa biwe.”


Maze Umwami Yesu aca amubwira ati: “Mwebwe Abafarisayo mwitwararika cane kwoza inyuma h’igikombe n’ah’isahani, ariko mwuzuye ubukunzi bw’inda n’ubugizi bwa nabi.


Umwami Yesu aramwishura ati: “Mbega umunyabigega w’umwizigirwa kandi w’umunyabwenge ni nde? Ni uwo shebuja ashobora guha ubukuru bwo kuganza abandi bakozi no kubagaburira mu gihe gikwiye.


Arabishura ati: “Iyo muba mwari mufise ukwizera kungana n’akabuto k’igiterwa citwa mutaride, mwobwiye iki giti muti ‘Randuka, ushingwe mu kiyaga,’ kandi cobumviye.


Umwami Yesu yongerako ati: “Nimwumve ivyo uwo mucamanza agabitanya yavuze.


Ariko Zakayo arahaguruka, abarira Umwami Yesu ati: “Mwami, ngira mfate ica kabiri c’ivyo ntunze ndakigaburire aboro, kandi nimba hari uwo nivye, ndabimuriha incuro zine.”


hanyuma barinjira, ariko ikiziga c’Umwami Yesu ntibakibona.


Nuko Yesu yumva ko Abafarisayo bamenye ko aronka kandi akabatiza abigishwa benshi kurusha Yohana.


N’ubundi bwato bwinshi buvuye i Tiberiya, buraza bushika hamwe Umwami Yesu yahezagirira imikate abantu bakayifungura.


Nuko bashiki ba Lazaro batumako Yesu bati: “Mwami, umwe ukunda ararwaye.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite