Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 6:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Ariko Yesu amenye ivyo biyumvira mu mitima, aca abarira wa mugabo akongataye ukuboko ati: “Haguruka uhagarare hano imbere y’ishengero!” Nuko arahaguruka, ahagarara imbere.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Na we amenya ivyo biyumvira; abarira uwo muntu anyunyutse ukuboko, ati Va hasi, uhagarare hagati. Ava hasi, arahagarara.

Gade chapit la Kopi




Luka 6:8
19 Referans Kwoze  

Nzokwica abana biwe bose. Aho ni ho amashengero yose azomenya ko ndi Imana isuzuma ivyanyegejwe mu mitima no mu vyiyumviro kandi ko nzoha umuntu wese impembo ikwiranye n’ivyo yakoze.


Yesu amenye ivyo biyumviriye, aca ababwira ati: “Ni igiki kibateye kwiyumvira nabi mu mitima yanyu?


Nuko rero, ko Kristo yababajwe mu mubiri, namwe mwamane uwo mutima, igihe cose mwame mwiteguriye kubabazwa nk’uko yababajwe. Kuko uwumaze kubabazwa mu mubiri ahorwa Kristo aba atakiganzwa n’icaha.


Nta kintu na kimwe mu vyaremwe kinyegejwe imbere y’Imana. Imbere yayo vyose vyambaye ubusa kandi biragaragara. Kandi twese izotubaza ivyo twakoze vyose.


Ntimuterwe ubwoba n’ababagwanya. Ico ni co kizobabera ikimenyetso ko bagiye kurandurwa, ariko ko mwebwe mugiye kuronka agakiza, na ko kakaba kava ku Mana yonyene.


Ibi umwami asanzwe abizi. Ibi ndiko ndabivuga nshize ubwoba kuko ndazi ko na we nyene abizi, kuko ntivyakorewe mu kinyegero.


Ariko mbona ko ubuzima bwanje ata co bwoba bumaze hamwe ntorangiza urugendo, ngansozera igikorwa Umwami Yesu yanshinze co kubwira abantu Ubutumwa Bwiza bw’ubuntu bw’Imana.


Yesu amubaza ubugira gatatu Yesu ati: “Simoni mwene Yohana, mbega urankunda?” Petero aca arababara kuko Yesu amubajije ubugira gatatu ati: “Mbega urankunda?” Aramwishura ati: “Mwami, wewe uzi vyose, urazi ko ndagukunda.” Yesu aramubwira ati: “Gaburira intama zanje.


Dutegerezwa gukora ibikorwa vy’uwantumye hakibona. Ijoro riraje, aho ata wushobora gukora.


Ntiyari akeneye ko bamubwira uko umuntu ameze, kuko yari azi ibiri mu mutima w’umuntu wese.


Yesu aca aramenya ivyo bariko bariyumvira, maze arababaza ati: “Ni kuki muriko mwiyumvira gutyo mu mitima yanyu?


Maze Yesu arababaza ati: “Mbega ni igiki cemewe gukorwa ku musi w’Isabato? Gukora iciza canke gukora ikibi? Gukiza ubuzima bw’umuntu, canke kubwica?”


Yesu abwira wa muntu akongataye ukuboko ati: “Haguruka uhagarare hano imbere y’ishengero.”


Yesu amubonye aca aramuhamagara ngo aze aho ari, amubwira ati: “Mupfasoni, ingwara yawe irakize.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite