Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 6:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe baca bamushinga ijisho kugira ngo barabe ko amukiza, maze bace bamwagiriza ko yakijije umuntu kw’Isabato.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Abanyabgenge b’ivyanditswe bo n’Abafarisayo baramugenza ngo barābe kw akiza kw isabato, ngo baronke ingene bomurega.

Gade chapit la Kopi




Luka 6:7
14 Referans Kwoze  

Nuko batangura kumugenza, bahera abantu bigize intungane ngo bamutegere mu majambo avuga, kugira ngo barabe ko boronka ivyo bamurega ku bategetsi b’Abaroma.


Ariko umukuru w’isinagogi ababazwa n’uko Yesu akijije umuntu ku musi w’Isabato. Aca abarira abari aho ati: “Imisi y’ibikorwa ni itandatu. Muzohore muza gukizwa ingwara muri iyo misi, ariko atari ku musi w’Isabato.”


Bamwe mu bari aho bamuhanga amaso ngo barabe ko amukiza, kuko bashaka ico bafatirako kugira ngo bamwagirize ko yakoze ku musi w’Isabato kandi kizira.


Bamwe mu Bafarisayo baravuga bati: “Uwu muntu yakoze ibi ntava ku Mana, kuko ntiyubahiriza umusi w’Isabato.” Ariko abandi barabaza bati: “None umunyavyaha yoshobora gukora ibitangaza nk’ibi?” Maze ivyo bituma bacanamwo.


Ariko jeho ndababwiye nti: ntimukihore ababagirira nabi. Umuntu niyagukubita ikofe mu musaya w’i buryo, umuhindukirize n’uw’i bubamfu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite