Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 6:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ku wundi musi w’Isabato, Yesu yinjira mw’isinagogi, atangura kwigisha. Aho hari umugabo akongataye ukuboko kw’i buryo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ku yindi sabato yinjira mw isinagogi, arigisha: kandi hār’ umuntu anyunyutse ukuboko kw’i buryo.

Gade chapit la Kopi




Luka 6:6
14 Referans Kwoze  

Muri ayo mabaraza, hari haryamye abarwayi benshi, harimwo impumyi, abacumbagira, n’abanyunyutse. [Bari barindiriye ko amazi azikuruka.


Nuko Yesu aca aja i Kaperinawumu mu gisagara c’i Galilaya. Ku musi w’Isabato aja kwigisha mw’isinagogi,


Umusi umwe, Yesu aja i Nazareti aho yakuriye. Ku musi w’Isabato, yinjira mw’isinagogi nk’uko yari amenyereye, maze ahaguruka ngo asome Ivyanditswe.


Ico gihe Yesu agendagenda mu ntara yose ya Galilaya yigishiriza mu masinagogi yaho, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza abantu ingwara zose n’ubumuga bwose.


Bamwe mu Bafarisayo baravuga bati: “Uwu muntu yakoze ibi ntava ku Mana, kuko ntiyubahiriza umusi w’Isabato.” Ariko abandi barabaza bati: “None umunyavyaha yoshobora gukora ibitangaza nk’ibi?” Maze ivyo bituma bacanamwo.


Yesu abaza Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe ati: “Mbega biremewe gukiza umuntu ku musi w’Isabato?”


Umusi umwe Yesu yariko arigisha mw’isinagogi kandi hari kw’Isabato.


Umusi umwe, Yesu yaciye mu mirima y’ingano, kandi hari kw’Isabato. Abigishwa biwe baca batangura guca imitwe y’ingano zeze, barazivungura, bakuramwo intete, barazirya.


Yongera arababwira ati: “Umwana w’Umuntu ni we Mwami w’Isabato.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite