Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 6:49 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

49 Ariko uwumva amajambo yanje ntayashire mu ngiro, ameze nk’uwubaka inzu kw’isi ahatagira umushinge. Iyo inzuzi zisuriranije kuri ya nzu, irasenyuka kandi isenyuka ryayo riba irikomeye.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

49 Arik’ uwumva, ntabikore, asa n’umuntu yubatse inzu kw ivu, atimvye itanguriro: maz’ umugezi uyisūrirako, ica irasenyuka, uguhomvoka kw’iyo nzu kwabaye ugukomeye.

Gade chapit la Kopi




Luka 6:49
30 Referans Kwoze  

Mukwiye rero, kwiyubara mugakora ico cose bababwiye. Ariko ntimukore ivyo bakora, kuko badakora ivyo bigisha.


Bavuye muri twebwe, ariko mu vy’ukuri ntibari abacu. Kuko iyo baba abacu, bari kugumana natwe. Ukugenda kwabo kwerekanye ko ata n’umwe muri bo yari uwacu.


Ishami ryose ryo kuri jewe ritama ararica, ariko ishami ryose ryama ararituturira akarituganya kugira ngo rirushirize kwama.


Uwo mukozi yari asanzwe azi ivyo shebuja agomba hanyuma ntavyitegurire ngo abikore, azohanwa bikomeye.


Ni kuki mumpamagara ngo: ‘Mwami, Mwami,’ ariko ntimukore ivyo ndababwira?


Ariko kubera iryo jambo ritagira imizi muri bo, bamara akanya gato bizeye. Iyo baciye mu vyago canke mu guhamwa bazira kwizera iryo Jambo ry’Imana, baca bata ukwizera.


Ko bari barahunze bakava mu bibonona vy’iyi si babihawe no kumenya Umwami n’umukiza wacu Yesu Kristo, hanyuma bakongera kubohwa na vyo kandi bakaba baratsinzwe, ubu babaye babi kurusha ubwa mbere.


Ni co gituma rero, kuko ntari ngishoboye kuvyihanganira, naciye ndungika Timoteyo kugira ngo nshobore kumenya ko ukwizera kwanyu kwoba kugikomeye. Nari mfise ubwoba ko wa mugeragezi yoba yarabagerageje, maze igikorwa cacu muri mwebwe kikaba cabaye impfagusa.


Kenshi nava mw’isinagogi nja mu yindi nkabakubitisha, nkabategeka gutuka izina rya Yesu. Muri iryo pfuhe nyeneryo kubagwanya, nashitse no mu bisagara vyo mu mahanga kubahamirayo.


Ndazi ko ninamara kugenda hazokwaduka abigisha b’ibinyoma bameze nk’amabingira y’inkazi binjire muri mwebwe, kandi bazogirira nabi ubusho.


Abo bansi banje na bo badashaka ko ndababera umwami, nimubazane hano mubicire imbere yanje.’ ”


Ariko abantu bo mu gihugu ciwe baramwanka, bituma barungika intumwa inyuma yiwe zija kuvuga ziti: ‘Uwo muntu ntidushaka ko aba umwami wacu.’


Ico gihe benshi bazota ukwizera bahemukiranire kandi bankane.


ameze nk’umwubatsi yimvye cane akubaka umushinge w’inzu yiwe ku rutare. Iyo hateye umwuzure, inzuzi zigasuriranya, iyo nzu ntishobora kunyiganyiga kuko yubatse neza.


Yesu ahejeje kwigisha abantu muri ayo majambo yose, aca aja i Kaperinawumu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite