Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 6:48 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

48 ameze nk’umwubatsi yimvye cane akubaka umushinge w’inzu yiwe ku rutare. Iyo hateye umwuzure, inzuzi zigasuriranya, iyo nzu ntishobora kunyiganyiga kuko yubatse neza.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

48 Asa n’umuntu yubaka inzu, yimvye hasi cane, akubaka itanguriro ku rutare: maz’ umugezi wuzuye usūrira kur’ iyo nzu, ntiwashobora kuyinyiganyiza, kuko yubatswe neza.

Gade chapit la Kopi




Luka 6:48
37 Referans Kwoze  

Imana irashoboye kubazigama ngo ntimurwe no kubashikana imbere y’ubwiza bwayo mutagira ico mwogawa kandi munezerewe cane.


Mwubatswe kw’itanguriro ry’intumwa n’abavugishwa, Kristo Yesu akaba ari we buye rigumya imfuruka.


Bana nkunda, nimugume muri Kristo kugira ngo aho azohishurirwa tuze dushire amanga, ntitwicwe n’isoni imbere yiwe niyagaruka.


Ariko, imfatiro zikomeye zashizweho n’Imana zirashimangiye. Zanditsweko aya majambo ngo: “Uhoraho arazi abiwe”; kandi ngo: “Abatura izina ry’Uhoraho bose bave mu kugabitanya.”


Nuko rero bene Data, murushirizeho kugira ishaka ryo gukomeza ihamagarwa ryanyu no gutoranywa kwanyu. Kuko nimwakora ivyo, ntimuzokwigera mutsitara,


binginga abigishwa ngo bagume bahagaze mu kwizera. Bababwira bati: “Dutegerezwa guca mu bitubabaza vyinshi kugira twinjire mu Bwami bw’Imana.”


Ibi ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Muri iyi si muzohagirira amarushwa menshi, ariko nimuhumure jewe naranesheje isi.”


Umuntu wese aza aho ndi akumva amajambo yanje hanyuma akayashira mu ngiro, ngira ndabereke uko ameze:


Ariko uwumva amajambo yanje ntayashire mu ngiro, ameze nk’uwubaka inzu kw’isi ahatagira umushinge. Iyo inzuzi zisuriranije kuri ya nzu, irasenyuka kandi isenyuka ryayo riba irikomeye.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite