Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 6:42 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

42 Ni kuki ubwira mugenzawe uti: ‘Mugenzi, tega ndagutosore akatsi kari mu jisho,’ kandi nawe ugendana inkingi y’igiti mu jisho ryawe? Wa ndyarya we, tangura ukure inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe, ni ho uzobona neza akatsi kari mu jisho rya mugenzawe, uheze ugakureyo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

42 Woshobora ute kubgira mugenzawe, uti Zana mugenzi ngutosore akabango kari mu jisho ryawe; nawe ubgawe nturābe inkingi iri mu jisho ryawe? Wa ndyarya we, banza witosore inkingi iri mu jisho ryawe, uheze ubone neza gutosora akabango kari mu jisho rya mugenzawe.

Gade chapit la Kopi




Luka 6:42
24 Referans Kwoze  

Ariko umuntu wese atabifise, abona hafi gusa kandi ni impumyi, kandi yibagiye ko yogejwe ivyaha vyiwe vya kera.


Umuntu niyiyeza, azoba igikoresho c’icubahiro, cejejwe, kigirira akamaro nyene co, kandi giteguruwe gukora igikora ciza cose.


Kandi ivyo vyose biva ku Mana yo yaduhaye kwuzura na yo biciye muri Kristo, ica iduha n’igikorwa c’umwuzuzo.


None rero, wewe ushobora kwibaza ko wocira imanza abameze batyo, ariko nawe umeze nka bo nta co wokwireguza. Kuko nimba ucira imanza abandi kandi ukora nk’ivyo bakora, na wewe uba wiciriye urubanza.


amubwira ati: “Uri umwana wa wa mubi, umwansi w’ivyiza vyose! Uzogeza ryari kubuza abantu kugororokera Umwami?


Nta n’agace canke umugabane ufise muri iki gikorwa, kuko umutima wawe utagororotse imbere y’Imana.


Petero arabishura ati: “Umuntu wese muri mwebwe niyihane, abatizwe mw’izina rya Yesu Kristo, kugira ngo ivyaha vyanyu bibone guharirwa, ni ho muzoronka ingabire ya Mpwemu Yera.


Ariko, wewe nagusengeye kugira ngo ntutakaze ukwizera, kandi niwamara kwihana ukangarukako uze ukomeze bene So.”


Umwami Yesu aca arishura ati: “Mwa ndyarya mwe! Ni nde muri mwebwe atozitura inka canke indogoba yiwe mu ruhongore ku musi w’Isabato ngo ayijane kunywa amazi?


Petero aca yibuka ivyo Yesu yari yamubwiye ati: “Isake itarabika, uja kuba umaze kunyihakana gatatu kose, uvuga ko utanzi.” Aca aja hanze araturikisha ararira cane.


Ni kuki ushinga ijisho akatsi kari mu jisho rya mugenzawe ariko ntiwiteho inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe?


Ni kuki ubwira mugenzawe uti: ‘Reka ndagutosore akatsi kari mu jisho,’ kandi wewe ugendana inkingi y’igiti mu ryawe?


Ni kuki ushinga ijisho akatsi kari mu jisho rya mugenzawe, ariko ntiwiteho inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe?


Nta giti ciza cama ivyamwa bibi, kandi nta giti kibi cama ivyamwa vyiza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite