Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 6:41 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 Ni kuki ushinga ijisho akatsi kari mu jisho rya mugenzawe, ariko ntiwiteho inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe?

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Urābira iki akabango kari mu jisho rya mugenzawe, inkingi iri mu jisho ryawe ntuyītegereze?

Gade chapit la Kopi




Luka 6:41
18 Referans Kwoze  

Ba bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo babandanije bamubaza, aca urunamuka arababwira ati: “Umuntu atagira icaha muri mwebwe nabe ari we aba uwa mbere mu kumutera ibuye.”


hanyuma, amaze kwiraba akagenda agaca yiyibagira ubwo nyene uko asa.


None rero, wewe ushobora kwibaza ko wocira imanza abameze batyo, ariko nawe umeze nka bo nta co wokwireguza. Kuko nimba ucira imanza abandi kandi ukora nk’ivyo bakora, na wewe uba wiciriye urubanza.


Ntugacire imanza abandi kugira ngo na we Imana ntizogucire urubanza.


Umwigishwa ntaruta umwigisha, ariko umwigishwa yigishijwe neza amera nk’umwigisha wiwe.


Ni kuki ubwira mugenzawe uti: ‘Mugenzi, tega ndagutosore akatsi kari mu jisho,’ kandi nawe ugendana inkingi y’igiti mu jisho ryawe? Wa ndyarya we, tangura ukure inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe, ni ho uzobona neza akatsi kari mu jisho rya mugenzawe, uheze ugakureyo.


Bari bafise kandi n’udufi duke. Na two adushimira Imana, abwira abigishwa ngo baduhe abantu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite