Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 6:37 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

37 Ntimugacire imanza abandi, kugira ngo namwe ntimuzonegurwe. Ntimugatsindishe abandi, kugira ngo namwe ntimuzotsindishwe. Mugire imbabazi, ni ho namwe muzozigirirwa.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

37 Kandi ntimugahinyurire mu mitima yanyu, namwe mukazohinyurwa; kandi ntimugatsindishe, namwe mukazotsindishwa; mubohore, namwe muzobohorwa; mutange, namwe muzohabga;

Gade chapit la Kopi




Luka 6:37
21 Referans Kwoze  

Mugiranire neza kandi mubabarane, mwongere muharirane nk’uko Imana yabahariye muri Kristo.


Bene Data, ntimwidodomberanire, kugira ngo ntimuze mutsindwe n’urubanza. Umucamanza ari ku rugi.


Ariko imbere y’uko mutangura gusenga, mubanze mubabarire umuntu wese yabacumuyeko, kugira ngo So wo mw’ijuru na we abaharire ivyaha vyanyu. [


Mushigikirane kandi mubabarirane iyo umuntu agize ico apfa na mugenziwe. Mubabarirane nk’uko Umwami Yesu yabababariye namwe.


Harahiriwe abagira imbabazi, kuko na bo bazozigirirwa.


Ariko aranka. Ahubwo aramujana bamushira mw’ibohero kugira ngo azoveyo arishe umwenda wiwe wose.


Mugire impuhwe nk’uko So wo mw’ijuru ari umunyampuhwe.


Ndamukubitisha gusa, hanyuma ndamurekure.” [


Imana ya Aburahamu, ya Isaka n’iya Yakobo, Imana ya ba sogokuruza, ni yo ishimagije umusavyi wayo Yesu, uwo mwatanze ngo yicwe, mukamwihakana imbere ya Pilato, naho we yari yahisemwo kumurekura.


Kuko Imana mu guca imanza, abatazogirirwa imbabazi ni abanse kuzigirira abandi. Ariko abagira imbabazi bazozigirirwa, kuko imbabazi zirengeye urubanza!


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite