Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 6:35 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

35 Ariko, mukunde abansi banyu, mubagirire neza. Mubagurane mutiteze ko babasubiza, ni ho impera yanyu izoba nini mw’ijuru. Aho muzoba mwerekanye vy’ukuri ko muri abana b’Iyisumbavyose, kuko igirira neza intashima n’abanyakibi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

35 Ariko mukunde abansi banyu, mubagirire neza, mugurane abantu, mutaziga ko muzoguranurwa; kand’ impēra zanyu zizoba nyinshi, namwe muzoba abana b’Īsumba vyose; kukw igirira neza intashima n’ababi.

Gade chapit la Kopi




Luka 6:35
21 Referans Kwoze  

Nimwakundana, bose bazomenya ko muri abigishwa banje.”


Kuko muzi ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo, ko n’aho yari umutunzi wa vyose, yigize umukene ku bwanyu kugira ngo mu bukene bwiwe mube abatunzi.


Iyo mwamye ivyamwa vyinshi, muba mwerekanye ko muri abigishwa banje kandi ivyo bihesha Data icubahiro.


Ariko ntiyigeze ihengeshanya kubiyereka mu vyiza yabakorera: yabaha imvura iva kw’ijuru n’umwimbu mwinshi mu gihe cavyo, ibaha ivyokurya bikwiye, ikuzuza imitima yanyu umunezero.”


Azoba uwuhambaye, kandi azokwitwa Umwana w’Iyisumbavyose. Umwami Imana azomuha intebe y’inganji ya sekuruza Dawidi,


Arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Mbega undonderako iki ga Yesu, Mwana w’Imana Musumbavyose? Ndakwinginze mw’izina ry’Imana ntunkubagure!”


Harahiriwe abaharanira amahoro, kuko bazokwitwa abana b’Imana.


Mugire impuhwe nk’uko So wo mw’ijuru ari umunyampuhwe.


Abantu bazokwikunda, bakunde amahera, birate ivyabo, buzure ubwishime. Bazotuka Imana bongere bagararize abavyeyi babo, babe intashima, ntibubahe ivyejejwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite