Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 6:29 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 Nihagira uwugukubita mu musaya umwe, umuhindukirize n’uwundi. Hagize uwugutwara umutamana, umuhebere n’ikanzu na yo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Ūgukubise mu musaya, umuhindukirize n’uwundi; ūkwaka umutamana, ntumwime n’ipfundo.

Gade chapit la Kopi




Luka 6:29
15 Referans Kwoze  

Mwagirira impuhwe abapfunzwe, kandi iyo babanyaze ivyanyu mwavyemerana umunezero, kuko mwari muzi ko mufise ubutunzi burengeye ubwo kandi buzokwamaho.


Ndetse mwihanganira n’ababagira abagurano, bakabarenganya bakabanyaga utwanyu, bakishira hejuru, bakabakubita urushi.


No kuba mufitaniye imanza hagati yanyu, ivyo vyonyene vyerekana ko mwamaze kunanirwa. Ni kuki mudashobora kwihanganira akarenganyo? Ni kuki mudashobora kwihanganira ababiba?


Yesu ahejeje kuvuga ayo majambo, umwe mu barinzi bari bahagaze hafi yiwe amukubita urushi mu maso, aramubaza ati: “Uko ni ko wishura umuherezi mukuru?”


Hanyuma baca bamucira mu maso, bamukubita ibipfunsi, abandi bakamukubita amakofe,


Gushika n’ubu turasonza kandi tukanyoterwa, ntitugira ico twambara, turakubitwa, kandi ntitugira aho tuba.


Bamupfunga igitambara mu maso, bamubwira bati: “Vugishwa! Ni nde agukubise?”


Ananiya, umuherezi mukuru, aca ategeka abari hafi ya Pawulo ko bamukubita ku munwa.


Umuntu niyagusaba ikintu ukimuhe, uwukunyaze ivyawe ubimuhebere.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite