Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 6:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Simoni, uwo Yesu yise Petero, mwene nyina Andereya, Yakobo, Yohana, Filipo, Baruteremi,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Simoni, uwo yise Petero, na Andereya mwene nyina, na Yakobo, na Yohana, na Filipo, na Barutolomayo,

Gade chapit la Kopi




Luka 6:14
23 Referans Kwoze  

Bashitse, baca baja mu cumba co hejuru, ico bari bamazemwo imisi. Abo bari aba: Petero, Yohana, Yakobo, Andereya, Filipo, Toma, Baruteremi, Matayo, Yakobo mwene Alufayo, Simoni Umuzelote, na Yuda mwene Yakobo.


Abandanije, abona Yakobo na Yohana bene Zebedayo, bari kumwe na se mu bwato, bariko barasana insenga zabo. Maze Yesu arabahamagara,


Yesu ariko aragendagenda ku nkengera y’ikiyaga Galilaya, abona abavukana babiri, Simoni batazira Petero na Andereya mwene nyina, bariko baterera urusenga mu mazi kuko bari abarovyi.


Jewe Simoni Petero, umukozi n’intumwa ya Yesu Kristo, Ndabandikiye mwebwe mwakiriye ukwizera kw’agaciro nk’ukwacu biciye mu kugororoka kw’Imana yacu n’Umukiza Yesu Kristo:


Nuko afata Yakobo, yavukana na Yohana, amwicisha inkota.


Filipo aramubwira ati: “Mwami, twereke Data, ivyo bizoba bikwiye.”


Umwe mu bigishwa biwe yitwa Andereya, yavukana na Simoni Petero, abwira Yesu ati:


Yesu abonye abantu isinzi baje bamugana, abarira Filipo ati: “Ni hehe twogurira ivyokurya vyo kugaburira aba bantu bose?”


Nuko Filipo asanga Natanayeli aho ari, amubwira ati: “Twabonye umwe Mose yavugako mu vyagezwe, n’abavugishwa n’Imana bakamwandikako. Ni Yesu w’i Nazareti, mwene Yosefu.”


Bagenziwe, ari bo Yakobo na Yohana bene Zebedayo, bakorana na Simoni. Yesu abwira Simoni ati: “Ntutinye, kuko uhereye ubu, ugiye kuba umurovyi w’abantu.”


Simoni Petero abibonye, apfukama imbere ya Yesu, amubwira ati: “Mwami, igira kure yanje kuko ndi umunyavyaha!”


Nuko ajana na Petero, na Yakobo na Yohana maze atangura kugira agahinda kenshi cane no guhagarika umutima.


Haheze imisi itandatu, Yesu ajana na Petero, na Yakobo na Yohana abadugana ku musozi muremure aho bashobora kuba bonyene. Bari ngaho ishusho ya Yesu ihinduka babona.


Ntiyemerera umuntu n’umwe kumukurikira kiretse Petero, Yakobo na Yohana mwene nyina wa Yakobo.


Bavuye mw’isinagogi, Yesu aca ajana na Yakobo na Yohana i muhira kwa Simoni na Andereya.


Yigiye imbere gato, abona Yakobo na Yohana bene Zebedayo bariko barabarira insenga zabo mu bwato.


hanyuma hakaza Filipo na Baruteremi; hagasubira Toma na Matayo umutozakori; Yakobo mwene Alufayo, na Tadeyo;


Aya ni yo mazina y’abigishwa biwe cumi na babiri: uwa mbere ni Simoni, yongera akitwa Petero, hamwe na mwene nyina Andereya, hagakurikira Yakobo mwene Zebedayo, na mwene nyina Yohana;


Aya ni yo mazina y’abo cumi na babiri yatoranije: Simoni (uwo yise Petero);


Bukeye, akoranya abigishwa biwe bose, atoranyamwo cumi na babiri, abagira intumwa. Na bo ni aba:


Matayo, Toma, Yakobo mwene Alufayo, Simoni Umuzelote,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite