Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 6:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Ariko ba Bafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe barashavura cane, batangura kuja inama babazanya bati: “Yesu tumugire dute?”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Ariko bo birabasaza rwose, baja inama y’ico bogira Yesu.

Gade chapit la Kopi




Luka 6:11
16 Referans Kwoze  

Bavyumvise barashangashirwa, bagomba kubicisha.


Kenshi nava mw’isinagogi nja mu yindi nkabakubitisha, nkabategeka gutuka izina rya Yesu. Muri iryo pfuhe nyeneryo kubagwanya, nashitse no mu bisagara vyo mu mahanga kubahamirayo.


Bavyumvise, barashangashirwa, bamuhekenyera imisaya.


Ariko Petero na Yohana barabishura bati: “Mbega mubona ko ikibereye imbere y’Imana, ari ukwubaha mwebwe gusumba kuyubaha?


Nuko barabataramura, batangura kuvugana hagati yabo.


Nuko abakuru b’abaherezi n’Abafarisayo baca bakoranya inama nkuru y’abatwara ubwoko bw’Abayuda. Barabazanya bati: “Dukore iki? Uwu mugabo ariko akora ibitangaza vyinshi.


Inyuma y’ivyo, Yesu agendagenda mu ntara ya Galilaya. Ntiyashaka kugenda mu ntara ya Yudaya kuko abakuru b’Abayuda baho bariko barondera ingene bomwica.


Abari mw’isinagogi bavyumvise, bose baterwa n’ishavu.


Abakuru b’abaherezi n’Abafarisayo bumvise iyo migani ya Yesu, bamenya ko ari bo yariko aravuga.


Maze abigishwa bavugana hagati yabo bati: “Ivyo abivuze kubera tutazanye imikate.”


Nuko Yesu arabitegereza bose, maze abwira wa muntu ati: “Gorora ukuboko kwawe!” Akugoroye, guca kurakira.


Umusi umwe Yesu aduga ku musozi, akesha ijoro ryose asenga Imana.


Ariko nta ho bazoshika kuko ubupfu bwabo umusi umwe buzomenyekana nk’uko vyagenze kuri Yane na Yambure.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite