Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 5:38 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

38 Ahubwo umuvinyu mushasha bawushira mu mukuza mushasha.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

38 Arikw igikwiye n’ugutara umutobe wa vino mu mikuza misha.

Gade chapit la Kopi




Luka 5:38
16 Referans Kwoze  

Kuko uwuri muri Kristo Yesu aba abaye icaremwe gishasha, ivya kera biba biheze, ibishasha biba bishitse.


Uwari yicaye ku ntebe y’inganji aravuga ati: “Ehe vyose ndabihinduye bishasha!” Aca ambwira ati: “Andika ibi mvuze, kuko aya majambo ni ayo kwizigirwa kandi ni ay’ukuri.”


Ukwimenyereza kw’umubiri ni kwiza, ariko ukwimenyereza kwubaha Imana ni kwiza gusumba, kugira ikimazi muri ubu buzima no mu buzoza.


Ivyerekeye ugukebwa vyazanywe n’abiyita abizera kandi atari bo, banyegeteye muri twebwe mu mpisho, bazanywe no kuraba umwidegemvyo dufise muri Kristo Yesu kugira ngo bishobotse bongere kuduhindura abaja b’imigenzo y’idini ry’Abayuda.


Ni nk’uko ata wosuka umuvinyu mushasha mu mukuza w’urushato ushaje, kuko uwo muvinyu wotuma uwo mukuza umeneka; hanyuma akabura umuvinyu n’umukuza. Ahubwo umuvinyu mushasha bawushira mu mukuza mushasha, ni ho vyompi bizigamwa.”


Ni nk’uko ata wosuka umuvinyu mushasha mu mukuza w’urushato ushaje. Abigize uko, uwo umukuza womeneka, umuvinyu ugaseseka.


Kandi nta muntu anywa umuvinyu wa kera ngo aheze yipfuze kunywa mushasha, kuko avuga ngo: ‘Umuvinyu wa kera uryoshe kuruta mushasha.’ ”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite