Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 5:35 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

35 Ariko hazogera aho umukwe abakurwamwo; ico gihe rero bazoheza bisonzeshe.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

35 Ariko har’ imisi izoza; kand’ umukwe ni yabakūrwamwo, bazoca bisonzesha mur’ iyo misi.

Gade chapit la Kopi




Luka 5:35
23 Referans Kwoze  

Aca abwira abigishwa biwe ati: “Hazogera igihe mwipfuza kubona n’umusi umwe mu misi y’Umwana w’Umuntu, ariko ntimuzowubona.


Narakoze cane ndaruha, rimwe na rimwe nkarara maso. Narashonje ndanyoterwa, mfata ingendo ntagira imfungurwa, nicwa n’imbeho, ngenda gusa.


Ntihakagire uwiyima uwundi, kiretse mwumvikanye kwihangana igihe gito, kugira ngo mufate umwanya wo gusenga. Hanyuma mukwiye gusubira kwegerana kugira ngo Satani ntaronke aho abaca ngo abageragereshe ukubura ukwihangana kwanyu.


Pawulo na Barunaba, bamaze gusenga no kwisonzesha, baca bagena abakuru b’amashengero yose, babaragiza Umwami Yesu bari bizeye.


Uwo akwiye kuja mw’ijuru kurindirirayo igihe ivy’Imana yavugiye mu kanwa k’abavugishwa na yo bera vyose bishitse.


Ahejeje kubabwira ivyo, aca aduzwa mw’ijuru bamuraba, haza igicu kiramufuka, ntibaba bakimubona.


Naje mva kwa Data nza mw’isi, none ngiye kuva mw’isi nsubire kwa Data.”


Bana banje, nsigaje igihe gito cane ndi kumwe namwe. Muzondondera, kandi nk’uko nabibwiye Abayuda, namwe ndabibabwiye: ntimushobora gushika aho ngiye kuja.


Aboro bo muzokwamana, ariko jewe ntimuzonyamana.”


Yesu arabishura ati: “Mbega abatumire b’umukwe bogandara bakiri kumwe na we? Ariko hazogera aho umukwe abakurwamwo; ico gihe rero bazoheza bisonzeshe.


Ariko hazogera aho umukwe abakurwamwo; ico gihe bazoheza bisonzeshe.


Yesu arabishura ati: “Mbega abatumire b’umukwe bokwisonzesha bakiri kumwe na we mu musi mukuru? Ntibishoboka!


Aca abacira uwu mugani ati: “Nta wutabura igitambara ku mpuzu nshasha ngo akibaririre ku mpuzu y’umushire. Abikoze uko, aba yononye iyo impuzu nshasha, kandi ico gitambara gishasha ntigishobora gufatana n’impuzu y’umushire.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite