Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 5:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Abari ngaho bose baratangara cane kandi bagira n’ubwoba, bahimbaza Imana bavuga bati: “Uwu musi amaso yacu abonye ibitangaza!”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Bose barumirwa cane, bahimbaza Imana, baterwa n’ubgoba bginshi, bat’ Uyu musi tubonye ibitangaza.

Gade chapit la Kopi




Luka 5:26
13 Referans Kwoze  

Abantu babibonye, bagira ubwoba, hanyuma bahimbaza Imana yahaye umuntu ububasha bungana gutyo.


Abari aho bose baterwa n’ubwoba, bongera bashima Imana, bati: “Uwuvugishwa n’Imana ahambaye yatwiyeretse, Imana yaje gutabara abantu bayo.”


Nuko babanza kubatera ubwoba cane, hanyuma barabarekura barataha. Ntibaronse ingene bari bubahane kubera abari aho bose bariko bashima Imana ku vyari vyabaye.


Nuko abantu bose bo mu ntara ya Gerasene baca binginga Yesu ngo abavireho, kuko bari bagize ubwoba bwinshi. Yesu aca yurira ubwato arigira.


Simoni Petero abibonye, apfukama imbere ya Yesu, amubwira ati: “Mwami, igira kure yanje kuko ndi umunyavyaha!”


Wa muntu aca arahaguruka, aterura ikirago ciwe, asohoka bose babibona. Abantu bose baratangara, bahimbaza Imana bavuga bati: “Ntitwari bwabone ibintu nk’ibi!”


Abo bagore baca bava ku mva, bagenda bihuta. Bari bafise ubwoba ariko kandi bafise n’akanyamuneza kenshi. Nuko bariruka baja kubwira abigishwa biwe iyo nkuru.


Maze amasinzi y’abantu bari aho baratangara cane, baca batangura kubazanya bati: “Mbega uwu yoba ari wa Mwana wa Dawidi?”


Maze bahimbaza Imana ku bwanje.


Abari aho bose bafatwa n’ubwoba, kandi iyo nkuru yamamara mu misozi yose y’i Yudaya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite