Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 5:22 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Yesu aca aramenya ivyo bariko bariyumvira, maze arababaza ati: “Ni kuki muriko mwiyumvira gutyo mu mitima yanyu?

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Maze Yesu, amenye ivyo bibūranya, arababaza, ati Mwibūranya ibiki mu mitima yanyu?

Gade chapit la Kopi




Luka 5:22
15 Referans Kwoze  

Yesu arababaza ati: “Ni kuki mufise ubwoba no gukekeranya mu mitima yanyu?


Maze Petero abaza Ananiya ati: “Ananiya, ni kuki Satani yujuje umutima guhenda Mpwemu Yera mu kunyegeza igice c’amahera wagurishije itongo ryawe?


Yesu yari azi ivyo bariko baravugana, ni ko kubabwira ati: “Ni kuki muvugana ku vyo kutagira imikate? N’ubu ntimurabona canke ngo mutahure? Imitima yanyu irakomantaye ku buryo idashobora gutahura?


Yesu amenye ivyo bariko bariyumvira, aca ababwira ati: “Ubwami bwose bwiciyemwo ibice buba bugiye gusenyuka. Kandi iyo igisagara canke umuryango vyiciyemwo ibice ntibishoboka ko birama.


Yesu amenye ivyo biyumviriye, aca ababwira ati: “Ni igiki kibateye kwiyumvira nabi mu mitima yanyu?


Nzokwica abana biwe bose. Aho ni ho amashengero yose azomenya ko ndi Imana isuzuma ivyanyegejwe mu mitima no mu vyiyumviro kandi ko nzoha umuntu wese impembo ikwiranye n’ivyo yakoze.


Kuko ijambo ry’Imana ni rizima kandi ryuzuye ubushobozi. Rikarishe kurusha inkota y’ubugi bubiri; ririnjira rigashika aho rigabura umushaha n’impwemu, n’ingingo n’imisokoro. Rishira ahabona ivyipfuzo n’ivyiyumviro vy’umutima w’umuntu.


Yesu abimenye aca ava ngaho, maze abantu benshi baramukurikira hanyuma akiza abarwaye bose bari muri bo,


Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe batangura kwiyumvira bati: “Mbega uwu ni nde ko yigize Imana! Ukwo ni ukuyituka. Imana yonyene ni yo ishobora guharira ivyaha.”


Mbega icoroshe ni uko novuga nti: ‘Ivyaha vyawe urabihariwe,’ canke ni uko novuga nti: ‘Haguruka ugende’?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite