Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 5:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Umusi umwe Yesu yariko arigisha, kandi bamwe mu Bafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bari ngaho; bari baje bava mu bisagara bitandukanye vy’i Galilaya, i Yudaya n’i Yerusalemu; kandi ububasha bw’Umwami Imana bwo gukiza ingwara bwari kuri Yesu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Ku musi umwe muri yo yarigisha. Abafarisayo n’abigisha ivyagezwe bāri bicayeho, bavuye mu mihana yose y’i Galilaya n’i Yudaya n’i Yerusalemu; kand’ ubushobozi bg’Umwami Imana bgari muri we bgo gukiza indwara.

Gade chapit la Kopi




Luka 5:17
20 Referans Kwoze  

kandi abantu bose bagerageza kumukorako, kuko ububasha bwo gukiza ingwara bwamuvamwo bugakiza abantu bose.


Yesu aravuga ati: “Hari umuntu yankozeko kuko hari ubushobozi numvise bumvuyemwo.”


Imana ikoresha Pawulo ibitangaza bidasanzwe,


impumyi zirahumuka, ibimuga biragenda, abanyamibembe barahumanuka, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazuka, kandi aboro barabwirwa ubutumwa bwiza.


Gorora ukuboko kwawe maze ukize, ukore ibitangaza n’utwumiza mw’izina ry’umusavyi wawe yera Yesu.”


Abafarisayo na bamwe mu bigisha b’ivyagezwe bari bavuye i Yerusalemu baraza bakoranira aho Yesu ari,


Ako kanya nyene Yesu yumva ko hari ubushobozi bumuvuyemwo. Ahindukirira rya sinzi ry’abantu, arababaza ati: “Ni nde akoze ku mpuzu zanje?”


Hanyuma Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bava i Yerusalemu baja iyo Yesu ari, baramubaza bati:


Ariko umuntu wese akora ivy’ukuri yegera umuco, kugira ngo bigaragare ko ivyo akora abikorera mu kwubaha Imana.”


Haheze imisi itatu, bamusanga mu rusengero yicaranye n’abigisha b’ivyagezwe, abumviriza yongera ababaza ibibazo.


Maze Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe batangura kwidodomba bati: “Uwu mugabo yicarana n’abanyavyaha, agasangira na bo!”


Ariko Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bo banka umugambi w’Imana kuri bo, kuko bari baranse ko Yohana ababatiza.)


Ariko Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe babaza abigishwa ba Yesu bamwidodombera bati: “Ni kuki mwicarana n’abatozakori n’abandi banyavyaha, mugasangira na bo?”


Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe batangura kwiyumvira bati: “Mbega uwu ni nde ko yigize Imana! Ukwo ni ukuyituka. Imana yonyene ni yo ishobora guharira ivyaha.”


bazofata inzoka mu biganza vyabo; kandi nibanywa ivyica, nta co bizobagira. Bazorambika ibiganza ku barwaye, kandi bazokira.”


Abigisha b’ivyagezwe bari baje bava i Yerusalemu bavuga bati: “Akoreshwa n’ububasha bwa Beyelizebuli! Umukuru w’abadayimoni ni we amushoboza kwirukana abadayimoni.”


Aho guhora, wa muntu aca aragenda atangura kuvuga no gukwiragiza iyo nkuru. Ivyo vyatumye Yesu adasubira kuja mu gisagara ku mugaragaro ahubwo aca aguma hanze kure yaco ahantu hihishije. Ariko na ho nyene abantu barahamusanga bavuye mu mihingo myinshi.


Yesu aramwishura ati: “Wewe ko uri umwigisha yubashwe muri Isirayeli, bigenda gute ngo ntutahure ibi?


Ariko hari Umufarisayo yitwa Gamaliyeli, yari umwigisha w’ivyagezwe, kandi yubahwa cane n’abantu bose. Arahaguruka, asaba ko bataramura gato izo ntumwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite