Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 5:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Yesu aca aramwihaniza ati: “Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira. Ariko genda umuherezi agusuzume, hanyuma utange ikimazi Mose yashinze ko uwuhumanutse atanga, kugira ngo bibabere ikimenyetso ko wahumanutse.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Aramwihanikiriza, ngo ntagire umuntu abibarira, at’ Ariko genda, wiyereke umuherezi, utange ivy’ uguhumanurwa kwawe, nk’uko Mose yabgirije, bibe ikimenyetso kibabere icabona.

Gade chapit la Kopi




Luka 5:14
12 Referans Kwoze  

Ababonye, arababwira ati: “Nimugende, mwiyereke abaherezi.” Bakiri mu nzira bagenda, baca barakira imibembe, barahumanuka.


Hanyuma Yesu aca aramubwira ati: “Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira. Ariko genda umuherezi agusuzume, hanyuma utange ikimazi Mose yashinze ko uwuhumanutse atanga kugira ngo bose bamenye ko wahumanutse.”


“Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira. Ariko genda umuherezi agusuzume hanyuma utange ikimazi Mose yashinze ko uwuhumanutse atanga, kugira ngo bose bamenye ko wahumanutse.”


ariko arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n’umwe avuga uwo ari we.


Maze amaso yabo aca arahumuka. Yesu arabihanikiriza ati: “Mwiyubare, ntihagire umuntu n’umwe abimenya.”


Aho batazobakira, muzokunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, kugira ngo bizobabere icagiriji.”


Nimwaja ahantu bakanka kubakira canke kubumviriza, muze mukunkumure umukungugu wo ku birenge vyanyu, muhave. Ico kizobabera ikimenyetso co kubagiriza.”


Muzohagarara imbere y’abatware n’abami muzira kuba abigishwa banje, kugira ngo munshingire intahe imbere yabo n’imbere y’Abanyamahanga.


Yesu aca aramvura ukuboko, amukorako. Aramubwira ati: “Ndabishatse, kira uhumanuke!” Ubwo nyene imibembe ica iramuvako.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite