Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 5:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Bagenziwe, ari bo Yakobo na Yohana bene Zebedayo, bakorana na Simoni. Yesu abwira Simoni ati: “Ntutinye, kuko uhereye ubu, ugiye kuba umurovyi w’abantu.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Na Yakobo na Yohana bene Zebedayo na bo baratangara, bari bafatanije na Simoni. Yesu abgira Simoni, ati Nta co utinya, uhereye none uzoroba abantu.

Gade chapit la Kopi




Luka 5:10
14 Referans Kwoze  

Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’urusenga rwaterewe mu kiyaga, rufata ifi z’ubwoko bwose.


Yesu arababwira ati: “Nimunkurikire, nzobagira abarovyi b’abantu.”


Arababwira ati: “Nimunkurikire, nzobagira abarovyi b’abantu.”


Baca bahamagara bagenzi babo bari mu bundi bwato ngo baze babafashe, maze buzuza ubwato bwabo bwompi gushika aho butangura kwibira.


Nayo Tito we, ni umugenzi dufatanije igikorwa muri mwebwe; abo bandi bene Data na bo, ni intumwa z’amashengero, kandi bubaha Kristo.


Bose baca buzura Mpwemu Yera, batangura kuvuga mu zindi ndimi nk’uko Mpwemu Yera abashoboje kuzivuga.


Simoni, uwo Yesu yise Petero, mwene nyina Andereya, Yakobo, Yohana, Filipo, Baruteremi,


Hanyuma nyina wa Yakobo na Yohana bene Zebedayo, aza aho Yesu ari azananye n’abo bahungu biwe babiri, apfukama imbere yiwe amwubashe cane, amusaba.


Ariko Yesu arababwira ati: “Humura! Ni jewe; ntimugire ubwoba.”


Abandanije, abona Yakobo na Yohana bene Zebedayo, bari kumwe na se mu bwato, bariko barasana insenga zabo. Maze Yesu arabahamagara,


Ivyo Petero yabivuze kubera we n’abo bari kumwe bari batangajwe cane n’ubwinshi bw’ifi bari bahejeje kuroba.


Simoni Petero, Toma (uwo batazira Ihasa), Natanayeli w’i Kana i Galilaya, abahungu ba Zebedayo, n’abandi bigishwa babiri bari kumwe.


maze bakabona kwisubirako, bakava mu mutego wa Satani, kuko baba bagizwe imbohe zo gukora ivyo ashaka vyose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite