Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 4:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Aramubwira ati: “Ndaguha kuganza ubwo bwami, nguhe n’ubwiza bwabwo bwose, kuko narabuhawe kandi nshobora kubuha uwo nshatse.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Umurwanizi aramubgira, ati Ndaguha ubu bubasha bgose n’ubgiza bgabgo, kuko jewe nabuhawe, kandi mbuha uwo ngomba wese:

Gade chapit la Kopi




Luka 4:6
15 Referans Kwoze  

ivyo mwagenderamwo mukurikira inzira mbi z’isi, mwumvira wa mutware w’ubwami bwo mu kirere, ni we mpwemu ikorera mu mitima y’abantu batumvira Imana.


Nta mwanya ngifise wo kubabwira vyinshi, kuko umutware w’iyi si agira aze. Jewe nta bubasha amfiseko,


Igihe co gucira iyi isi imanza kirageze; umutware wayo agira atererwe hanze.


Turazi ko turi abana b’Imana, kandi ko isi yose iri musi y’ububasha bwa wa mubi.


Gica gihabwa ububasha bwo kugwanya abera b’Imana no kubanesha. Congera gihabwa n’ububasha bwo kuganza imiryango yose, amoko yose, indimi zose n’amahanga yose.


Ico gikoko casa n’ingwe, ariko kikagira ibinono nk’ivy’idubu n’umunwa nk’uw’intambwe. Ca gisato gica giha ububasha bwaco ico gikoko, kigiha n’intebe y’inganji n’ubutware buhambaye.


Ca gisato, ari co kiyoka ca kera citwa Umubi canke Satani, uwuzimiza isi yose, gikororerwa kw’isi n’abamarayika baco bose.


Nk’uko Ivyanditswe bivuga ngo: “Abantu bose bameze nk’ivyatsi; kandi ubwiza bwabo bwose bumeze nk’amashurwe yo ku misozi; ivyatsi biruma, amashurwe agahungurukira hasi,


Ariko nta gitangaje kuko na Satani yigira umumarayika w’umuco.


Muri abana ba so, Satani, kandi mugomba gushitsa ibikorwa bibi so ashaka. Yamye ari umwicanyi kuva mu ntango. Yamye yanka ukuri, kuko ata kuri kuri muri we. Iyo avuga ibinyoma, aba ariko avuga ururimi kavukire, kuko ni umubeshi kandi ni se w’ibinyoma.


Niwapfukama ukansenga, ivyo vyose biraba ivyawe.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite