Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 4:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Hanyuma Satani amujana ahantu harehare, amwereka ubwami bwose bwo mw’isi mu kanya gato.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Aramudūgana, amwereka ubgami bgose bgo mw isi mu kanya gato.

Gade chapit la Kopi




Luka 4:5
11 Referans Kwoze  

Kuko mu ntambara yacu ntituriko tugwana n’abafise umubiri n’amaraso, ariko tugwana n’abatware babi, n’abafise ububasha b’ahantu tutabona, n’abanyabushobozi bo mw’isi y’umwijima hamwe rero n’impwemu mbi z’ahantu ho mw’ijuru.


Bizoba mu kanya isase, nk’uwukubise urugohe, igihe inzamba izovuga. Niyavuga abazoba barapfuye bazoca bazukira kubaho ibihe vyose. Natwe tuzoba tukiri bazima, tuzoca duhindurwa ukundi.


Hanyuma Satani yongera kumujana ku musozi muremure cane amwereka ubwami bwose bwo mw’isi n’ubwiza bwabwo.


ivyo mwagenderamwo mukurikira inzira mbi z’isi, mwumvira wa mutware w’ubwami bwo mu kirere, ni we mpwemu ikorera mu mitima y’abantu batumvira Imana.


Kuko imibabaro yacu naho ari mito kandi y’akanya gato, ituzanira ubwiza bw’akaburarugero kandi buzokwamaho.


Abari mu rudandazwa ntibatwarwe na rwo, kuko iyi si urimwo ubu izokurwaho vuba.


Kandi ubu Butumwa Bwiza bw’Ubwami buzovugwa kw’isi yose, kugira ngo bubere ikimenyetso amahanga yose, hanyuma umuhero uzoca uza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite