Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 4:41 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 N’impwemu mbi ziva mu bantu benshi, zisemerera ziti: “Uri Umwana w’Imana!” Ariko arazikankamira, ntiyazemerera gusubira kuvuga, kuko zari zamenye ko ari Kristo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Kandi n’abadayimoni bava muri benshi, basemerera, bat’ Ur’ Umwana w’Imana. Arabazibiza, ntiyabakundira ko bavuga, kuko bāri bazi yukw ari Kristo.

Gade chapit la Kopi




Luka 4:41
14 Referans Kwoze  

Nuko Yesu akiza abantu benshi bari barwaye ingwara zitandukanye. Yirukana n’impwemu mbi nyinshi, ntiyazemerera kugira ico zivuga kuko zari zamenye uwo ari we.


Uvuga ko ufise ukwizera kuko wizera ko hari Imana imwe. Ivyo ni vyiza! Ariko n’abadayimoni ivyo baravyizera, mbere bakanajugumira kubera gutinya.


Ariko ibi vyanditswe kugira ngo mwizere ko Yesu ari Kristo, Umwana w’Imana, kandi kugira ngo mumaze kwizera muronke ubugingo mw’izina ryiwe.


Abantu baboshwe n’impwemu mbi bamukubise ijisho, izo mpwemu mbi zaca zibakubita hasi zigasemerera ziti: “Uri Umwana w’Imana!”


Umugeragezi aca aramwegera, amubwira ati: “Niwaba uri Umwana w’Imana, bwira aya mabuye ahinduke imikate.”


Ariko Yesu aguma ahoze. Maze umuherezi mukuru aca aramubwira ati: “Mw’izina ry’Imana nzima, tubwize ukuri: Uri Kristo, Umwana w’Imana?”


Bamubonye, abo badayimoni baca barasemerera bati: “Uturonderako iki ga Mwana w’Imana? Uje kutubabaza kandi igihe cacu kitaragera?”


Yesu arayizibiza ati: “Hora! Muvemwo!”


Hanyuma Yesu aca aramubwira ati: “Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira. Ariko genda umuherezi agusuzume, hanyuma utange ikimazi Mose yashinze ko uwuhumanutse atanga kugira ngo bose bamenye ko wahumanutse.”


Ku mugoroba, bazanira Yesu abantu benshi baboshwe n’abadayimoni. Yirukana izo mpwemu mbi mu kuzitegeka, azikura mu bantu kandi akiza abarwaye bose.


Ku mugoroba izuba rimaze kurenga, bazanira Yesu abarwaye benshi n’ababoshwe n’abadayimoni.


Yesu aramwegera, ahagarara i ruhande yiwe, akankamira ubwo bushuhe, buca burahera. Ako kanya nyene aca arahaguruka, arabazimana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite