Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 4:36 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

36 Abantu bose baratangara cane, babwirana bati: “Ijambo ry’uwu muntu rirakomeye! Rifise ububasha n’inkomezi, kuko n’impwemu mbi na zo arazitegeka zikamwumvira, zigasohoka!”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 Bose baratangara, barabazanya, bat’ Iryo n’ijambo ki? N’ububasha n’ubushobozi agera impwemu zihumanye zigasohoka.

Gade chapit la Kopi




Luka 4:36
10 Referans Kwoze  

maze abantu batangazwa n’inyigisho ziwe, kuko zarimwo ububasha.


Ubu rero Yesu yarasubiye mw’ijuru. Yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana kandi abamarayika, abanyabushobozi n’abanyabubasha bose bari musi y’ubushobozi bwiwe.


Abantu baratangara cane, bituma baguma bavuga bati: “Ivyo akora vyose biratangaje. Atuma n’ibipfamatwi vyumva, n’ibiragi bikavuga.”


Abantu bose baratangara, barabazanya bati: “Mbega ibi ni ibiki? Ni inyigisho nshasha kandi zirimwo ububasha! N’impwemu mbi na zo arazitegeka zikamwumvira!”


Yesu aca yirukana iyo dayimoni; imuvuyemwo aca aravuga. Abantu babibonye baratangara, bavuga bati: “Ntihari bwaboneke ibisa n’ibi muri Isirayeli.”


kandi abavyumva bose vyarabatangaza cane.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite