Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 4:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Ahejeje gusoma, aca azinga wa muzingo w’igitabu, agisubiza uwujejwe kukibika, aca aricara. Abari mw’isinagogi bose bamuhanga amaso cane,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Azinga igitabo, agisubiza umusanzi w’inzu, aricara; abantu bose bāri mw isinagogi bamuhanga amaso.

Gade chapit la Kopi




Luka 4:20
13 Referans Kwoze  

Bamuhereza umuzingo w’igitabu c’uwavugishwa n’Imana Yesaya, arakizingurura, aca ashikira ahanditswe ngo:


Kare mu gitondo c’umusi ukurikira asubira mu rusengero, maze abantu bakoranira aho ari, na we aricara arabigisha.


Ariko ntibaronka aho bamuca kuko abantu bose bakunda cane kwumviriza inyigisho ziwe.


Nuko yinjira muri bumwe; ubwo na bwo bwari ubwa Simoni, amusaba ngo abwigize mu mazi kure y’isi gato, na we abwicaramwo, atangura kwigisha abantu.


Hanyuma Yesu abwira ba bantu benshi baje kumufata ati: “Mbega mbaye umugumutsi, aho muza kumfata mwitwaje inkota n’amahiri? Ni kuki mutamfatiye mu rusengero kandi ari ho nama imisi yose nigisha?


Ku musi w’Isabato, turasohoka tuja inyuma y’igisagara ku ruzi, twibaza ko dushobora kuronka ahantu ho gusengera. Nuko turicara dutangura kuyaga n’abagore bari bahakoraniye.


Petero abibonye, arababwira ati: “Yemwe Bisirayeli, ni kubera iki ibi bibatangaje? Ni kubera iki muturaba nk’aho umenga ni ubushobozi bwacu canke ukwubaha Imana kwacu kwatumye uwu muntu atambuka?


hanyuma agishira mu mva nshasha yari aherutse kwiyimbishiriza mu gitandara. Nuko aca atembagariza ikibuye kinini ku muryango w’iyo mva arayugara.


aca atangura kubabwira ati: “Uwu musi ibi Vyanditswe mwumvise birashitse.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite