Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 4:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Bamuhereza umuzingo w’igitabu c’uwavugishwa n’Imana Yesaya, arakizingurura, aca ashikira ahanditswe ngo:

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Bamuha igitabo c’uwavugishwa n’Imana Yesaya, arakizingurura, abona ahantu handitswe,

Gade chapit la Kopi




Luka 4:17
9 Referans Kwoze  

Ibitabu vy’ivyagezwe n’ivy’abavugishwa n’Imana bihejeje gusomwa, abakuru b’isinagogi baca batuma umuntu ababaza ati: “Bene Data, nimwaba mufise ijambo ryo gutera intege ishengero, nimuhaguruke mwigishe.”


Maze Imana yirabira hirya, irabareka ngo basenge ibiba ku kirere, baba bashikije ivyanditswe mu bitabu vy’abavugishwa, bivuga ngo: ‘Mbega hari ibimazi n’amashikanwa mwanshikaniye mu myaka mirongo ine mwamaze mu bugaragwa, Yemwe Bisirayeli?


Ababa i Yerusalemu n’abatware babo ntibamenye Yesu, ariko baramutsindishije, baba bashikije amajambo y’abavugishwa n’Imana yama asomwa ku musi w’Isabato.


Dawidi ubwiwe ni we yivugiye mu gitabu ca Zaburi ati: ‘Uhoraho yabariye Umwami wanje ati: “Icara i buryo bwanje


Umusi umwe, Yesu aja i Nazareti aho yakuriye. Ku musi w’Isabato, yinjira mw’isinagogi nk’uko yari amenyereye, maze ahaguruka ngo asome Ivyanditswe.


“Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe, kuko yansize amavuta ngo mbwire aboro Ubutumwa Bwiza. Yantumye kurekura imbohe ngo zidegemvye, guhumura amaso y’impumyi, kurekura abacinyijwe ngo bidegemvye,


Ahejeje gusoma, aca azinga wa muzingo w’igitabu, agisubiza uwujejwe kukibika, aca aricara. Abari mw’isinagogi bose bamuhanga amaso cane,


Aburahamu aramwishura ati: ‘Bafise ivyagezwe vya Mose n’ivyanditswe n’abavugishwa; nibabikurikize.’


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite