Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 4:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Umusi umwe, Yesu aja i Nazareti aho yakuriye. Ku musi w’Isabato, yinjira mw’isinagogi nk’uko yari amenyereye, maze ahaguruka ngo asome Ivyanditswe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Aja i Nazareti, iyo yakuriye; ku musi w’isabato yinjira mw isinagogi, nk’uko yamenyereye, ava hasi ngw asome.

Gade chapit la Kopi




Luka 4:16
14 Referans Kwoze  

Pawulo yinjira mw’isinagogi nk’uko yari asanzwe abigenza. Amara amasabato itatu akurikirana aharira na bo ku Vyanditswe Vyera,


baca baja kuba mu gisagara citwa Nazareti. Uko ni ko ivyo abavugishwa n’Imana bavuze vyashitse ngo: “Azokwitwa Umunyenazareti.”


Nuko basubirana na we i Nazareti, kandi yama abumvira. Nuko nyina abika ivyo vyose mu mutima wiwe.


Yesu amaze imyaka cumi n’ibiri, ajana na bo muri iyo misi mikuru nk’uko vyari bisanzwe.


Yesu aramubwira ati: “Imisi yose navuganye n’abantu bose ku mugaragaro. Nigishirije mu masinagogi no mu rusengero, aho abantu bakoranira. Nta kintu na kimwe navuze ninyegeje.


aca atangura kubabwira ati: “Uwu musi ibi Vyanditswe mwumvise birashitse.”


Yosefu na Mariya bahejeje gukora ibitegekanijwe n’ivyagezwe vy’Uhoraho, baca basubira i Galilaya mu gisagara cabo ca Nazareti.


Yama yigisha mu masinagogi kandi agashimwa n’abantu bose.


Bamuhereza umuzingo w’igitabu c’uwavugishwa n’Imana Yesaya, arakizingurura, aca ashikira ahanditswe ngo:


Yesu arababwira ati: “Ndazi ko mutazobura kuncira uwu mugani muti: ‘Muvuzi, niwivure!’ Kandi muzombwira muti: ‘Korera muri iki gisagara uvukamwo ibitangaza nk’ivyo twumvise wakoreye i Kaperinawumu!’ ”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite