Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 3:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Nimukore ibikorwa vyerekana ko mwihanye, mureke kwibwira mu mitima yanyu muti: ‘Turi uruvyaro rwa Aburahamu.’ Kuko ndababwira ko, no muri aya mabuye mubona, Imana ishobora gukuramwo abana ba Aburahamu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Nuko mwame imbuto zikwiranye n’ukwihana: kandi ntimutangure kwiyumvira mu mitima, muti Ko dufise Aburahamu, ni we sogokuruza. Ndababgira yukw aya mabuye Imana ishobora kuyavyuramw’ abana ba Aburahamu.

Gade chapit la Kopi




Luka 3:8
29 Referans Kwoze  

Nahereye ku b’i Damasiko, hanyuma nja mu b’i Yerusalemu n’i Yudaya hose, ntibagiye no mu Banyamahanga, nigisha ko bakwiye kwihana bakagaruka ku Mana, kandi bagakora ibikorwa bikwiranye n’ukwihana kwabo.


Ndababwire, muzokwakwa Ubwami bw’Imana, buhabwe ayandi mahanga azokwama ivyamwa bikwiranye na bwo.


Ndabipfuriza kwama mwuzuye ivyamwa vy’ukugororoka biva kuri Kristo Yesu, kugira ngo biheshe Imana icubahiro n’amashimwe.


Kandi abakomoka kuri Aburahamu bose, ntibaca baba uruvyaro rwiwe nyakuri. Kuko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Uruvyaro nagusezeraniye uzoruronka biciye muri Isaka.”


Nuko rero, isezerano ryatanzwe kubera ukwizera kugira ngo bigaragare ko ari ingabire Imana itanga ku buntu, kandi ko rigenewe abakomoka kuri Aburahamu bose, baba abubahiriza ivyagezwe canke abizera nk’uko yizera, kuko Aburahamu ari we sekuruza w’abizera bose.


Arabishura ati: “Ndababwire ukuri, naho bohora, amabuye yosemerera.”


Na bo baramwishura bati: “Twebwe turi uruvyaro rwa Aburahamu, ntitwigeze tuba abagurano b’umuntu n’umwe. Ni gute utubwira ngo tuzoronka ukwidegemvya!”


Baramwishura bati: “Data ni Aburahamu.” Yesu arababwira ati: “Iyo muba muri abana ba Aburahamu, mwari gukora ivyo Aburahamu yakora.


Nimukore ibikorwa vyerekana ko mwihanye,


mureke kwibwira mu mitima yanyu muti: ‘Turi uruvyaro rwa Aburahamu’, kuko ndababwira ko no muri aya mabuye mubona, Imana ishobora gukuramwo abana ba Aburahamu.


Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe batangura kwiyumvira bati: “Mbega uwu ni nde ko yigize Imana! Ukwo ni ukuyituka. Imana yonyene ni yo ishobora guharira ivyaha.”


Nyene inzu niyahaguruka akugara umuryango, muzohagarara inyuma mudodora, mutakamba muti: ‘Nyakwubahwa, twugururire.’ Na we azobishura ati: ‘Sindabazi kandi sinzi n’iyo muva.’


Namwe muzovuga muti: ‘Twarira kandi twanywera imbere yawe, mbere wigishiriza mu mabarabara y’iwacu.’


Muri ico gihe, nyene urubanza azoza akubwire ati: ‘Mubise yicare.’ Maze uzogenda uramaramara kwicara mu kibanza c’inyuma ya bose.


Yesu aca avuga ati: “Uwu musi agakiza kinjiye muri iyi nzu, kuko uwu na we ni umwana wa Aburahamu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite