Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 3:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Nuko abantu benshi baja iyo Yohana ari ngo ababatize. Arababaza ati: “Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababuriye ngo muhunge uburake bw’Imana bugiye kuza?

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Nukw abgira ishengero ryari rivuye i wabo rije kubatizwa na we, ati Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababūriye ngo muhunge uburake buzoza?

Gade chapit la Kopi




Luka 3:7
12 Referans Kwoze  

Mwa nzoka mwe, ruvyaro rw’imvuvyi! Mwibaza ko muzokira mute urubanza rwa Gehinomu?


Kandi baranavuga ukuntu mwiteganye igishika ukugaruka kw’Umwana w’Imana azoza avuye mw’ijuru, ari we Yesu, uwo Imana yazuye mu bapfuye. Ni we yadukijije uburake buzoza.


Mwa bana b’inzoka mwe, mbega mwovuga ivyiza mute kandi muri babi? Erega ivyuzuye mu mutima ni vyo akanwa kavuga.


Umuntu wese abandanya akora ivyaha ni uwa wa mubi, kuko uwo mubi yamye akora ivyaha kuva mu ntango. Ariko Umwana w’Imana yaje gusambura igikorwa ca wa mubi.


Imana yatanze isezerano n’indahiro. Ibi bintu uko ari bibiri ntibishobora guhinduka kuko Imana idashobora kubesha. Ku bw’ivyo, twebwe abayihungiyeko, ivyo bidutera intege cane bigatuma twumira ku vyizigiro yadushize imbere.


amubwira ati: “Uri umwana wa wa mubi, umwansi w’ivyiza vyose! Uzogeza ryari kubuza abantu kugororokera Umwami?


Muri abana ba so, Satani, kandi mugomba gushitsa ibikorwa bibi so ashaka. Yamye ari umwicanyi kuva mu ntango. Yamye yanka ukuri, kuko ata kuri kuri muri we. Iyo avuga ibinyoma, aba ariko avuga ururimi kavukire, kuko ni umubeshi kandi ni se w’ibinyoma.


Bamaze kwatura ivyaha vyabo yaca ababatiza mu ruzi Yorodani.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite