Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 3:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Nuko Yohana aja mu turere twose two hakurya no hakuno y’uruzi Yorodani, yigisha abantu umubatizo wo kwihana ngo babone guharirwa ivyaha vyabo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Aja mu gihugu cose giherereye kuri Yorodani, yigisha abantu ukubatizwa kwo kwihana ngo bakūrwekw ivyaha:

Gade chapit la Kopi




Luka 3:3
12 Referans Kwoze  

Uzokwigisha abantu biwe inzira y’agakiza kava mu guharirwa ivyaha vyabo.


None ni igiki kigutebeje? Va hasi ubatizwe, wambaze izina ryiwe, ubone kwozwa ivyaha vyawe.’


Pawulo arababwira ati: “Umubatizo wa Yohana wari uwo kwihana. Yahamagarira abantu kwizera uwagira aze inyuma yiwe, uwo na we ni Yesu.”


Imbere y’ukuza kwa Yesu, Yohana yigisha ukwihana n’ukubatizwa ku bantu ku Bisirayeli bose.


Nuko baza aho Yohana ari bamubwira bati: “Rabi, wa muntu yari kumwe na we hakurya y’uruzi Yorodani, umwe washingira intahe, ariko arabatiza kandi abantu bose baja iyo ari.”


Jewe ndababatiza mu mazi kuko mwihanye ivyaha, ariko uwuje inyuma yanje arandusha ubushobozi, mbere ntibimbereye no kumutwaza ibirato. We azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


Ivyo vyose vyabereye ahitwa Betaniya, hakurya y’uruzi Yorodani, aho Yohana yabatiriza.


Azogarukana Abisirayeli benshi k’Uhoraho, Imana yabo.


Hanyuma Yesu, yuzuye Mpwemu Yera, ava ku ruzi Yorodani ajanwa na Mpwemu mu bugaragwa,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite